Igipolisi kijejwe kugenzura imipaka ya Amerika n’abinjira ku butaka bwayo, ICE, catangaje ko cataye muri yompi Umunyarwanda Dieudonne Ishimwe (Prince Kid), kivuga ko arondezwa kubera ivyaha vyo gufata ku nguvu yagirizwa.
ICE ivuga ko yafatiye “Dieudonne Ishimwe, w’imyaka 38 mu gisagara ca Fort Worth co muri reta ya Texas, iri mu bamuko bwa Amerika, igenekerezo rya 3 z’uku kwezi kwa gatatu”.
Itangazo rya ICE risigura ko Dieudonne Ishimwe yarondezwa, kuko yatorotse ubutungane. ICE yemeza ko Ishimwe yatorotse kandi yari yararungikiwe umutahe wo kwitaba ubutungane bw’u Rwanda kubera icaha co “ Gufata ku nguvu”
Josh Johnson atwara vy’imfata kibanza igisata ca polisi ijejwe kugenzura imipaka ya Amerika n’abinjira ku butaka bwayo muri Texas, muri iryo tangazo yagize ati : “ Abanyamahanga bahunga ubutungane bw’ivyo bakoze bamenye ko tuzobafata. Tuzokwama dukorana n’abajejwe umutekano haba ku rwego rw’igihugu, amareta n’ibisagara, kugira dute muri yompi kandi twirukane ku butaka bwacu, abashobora kubangamira umutekano w’igihugu cacu n’ikibano cacu.”
ICE ivuga ko Ishimwe naho yinjiye ku butaka bwa Amerika biciye mu matageko, hari amwe mu mategeko amwemerera kuhaguma yahonyanze. Itangazo ry’ico gipolisi, risigura ko igisata c’inyamiramabi muri Amerika, FBI, cagize uruhara mw’ihagarikwa ryiwe.
Ku bw’itangazo rya ICE, ubutungane bw’u Rwanda bwasohoye umutahe umurondeza n’uwo kumuhagarika itariki ya 29 z’ukwezi kwa cumi ko mu 2024. Inzego za ICE zavuze ko mu kurindira ko arungikwa mu Rwanda, azoba aragumye mu minwe yazo.
Dieudonne Ishimwe yamenyekanye cane kw’izina rya Prince Kid. Yavuye mu Rwanda inyuma y’igihe yamaze apfunzwe kubera abakobwa bari bamwitwariye bamwagiriza ihohotera rishingiye ku gitsina, yoba yabakorera yihetse inyuma y’amahiganwa ya nyampika y’u Rwanda.
Yahoze ari umuyobozi wa Rwanda Inspiration Backup, ikigo categura Miss Rwanda. Kuva yafungwa, ayo marushanwa yakurikiranwa n’abatari bake hirya no hino ku isi mu rwego rw’imyidagaduro, ubutegetsi bw’u Rwanda bwaciye buyahagarika mu buryo bwise ‘ubw’agategekanyo’.
Forum