Abaganga b’uwungere wa Ekeziya Katorika Papa Fransisiko batangaza ko yatoye mitende cane. Bagize bati: “ Inyuma y’indwi zirenga zitatu amaze mu bitaro, Papa Fransisiko w’imyaka 88 yatoye mitende cane ugereranije nuko yari amaze iminsi ameze. Imiti yamuguye neze.”
Bavuze ko ariko arasnzira neza, ata mucanwa afise, kandi amaze iminsi afise “Oxygene” ikwiye mu maraso. Itangazo ryabo rigira riti: “ Ibi, bitwereka ko umubiri wiwe uriko wakira neza imiti tumuha”. Basiguye ko naho bishimiye intambwe yateye, bidasiguye ko atakibangamiwe.
Kuva yinjira ibitaro igenekerezo rya 14 z’ukwezi guheze kwa kabiri, ni ubwa mbere abaganga ba Papa Fransisiko bavuze ko umubiri wiwe uriko wakira neza imiti.
Papa arwaye ingwara y'umusonga ivanganye n'ubwandu bwonona ibihimba vyakira impwemu. Zimwe mu ngaruka z'iyo ngwara, zirimwo gukorora, kuribwa umubiri wose, kudahema neza, no kudatondeka ivyiyumviro neza.
Uburwayi afise, buza bwunyugwa n’intege nke yari asanganywe mu mahaha yiwe kuko hari rimwe bamubaze akiri muto.
Uno wa Mungu ugize uwa kane adatanga umuhezagiro yahora atangira mu kibanza citiriwe Petero Mweranda iminsi yose sa sita z’umuhingamo. Bitegekanijwe yamara ko ababijejwe baza gusoma ubutumwa yari guha abakirisu iyoba atari akitswe n’amagara. (AP)
Forum