Uko wahagera

Abamaze Guhitanwa n'Imvururu muri Siriya Barenze 1000


Bamwe mu bajejwe gukingira umutekano wa Siriya
Bamwe mu bajejwe gukingira umutekano wa Siriya

Muri Siriya, abamaze kurwa mu gushamirana kwadutse haraheze iminsi itatu, hagati y’abajejwe umutekano muri ico gihugu, n’abayoboke ba Prezida Bashar al-Assad yavuye ku butegetsi biciye muri kudeta barenze igihumbi.

Ni ubwa mbere imishamirano muri Siriya ihitanye abantu bangana gutyo mu kiringo c’iminsi mike, muri ino myaka 14 iheze ico gihugu kiri mu mudugararo.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri Siriya, bavuga ko aba 1000, barimwo abasivile 745 bagandagujwe amasoro y’ababarashe n’ibigirankana, babegereye.

Barimwo kandi abajejwe gucungera umutekano w’ico gihugu 125, abandi 148 ni abitwaje ibirwanisho bashigikiye Bashar al-Assad yavanywe ku butegetsi mu mpera z’umwaka uheze.

Hambavu y’ibisasu vyumvikanye mu mihingo itandukanye ya Siriya, ibisagara birimwo icitwa Latakia kiza mu bikomeye muri ico gihugu vyabuze amazi n’amatara bivuye kuri izi mvururu.

Abanyagihugu baba mu gisagara citwa Baniyas kiri mu caguyemwo benshi, babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abanyamerika, AP, ko amabarabara yari yuzuye ibiziga, abandi nabo mu bishwe babataye ku nsenge, abandi babata mu mihana yabo ata kubashingura.

Ali Sheha, w’imyaka 57 ati: “ Ababanyi banje bagera kuri 20 bagandaguwe, kumwe n’abo dukorana. Bamwe mu bo nzi biciwe mu maduka bakoreramwo ubudandaji, abandu bagandagurirwa mu mihana yabo.” (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG