Visi Prezida wa Sudani y’Epfo yatangaje ko icegera c’umukuru w’intwaramiheto yahagaritswe, ingingo avuga ko ishobora kubangamira amasezerano y’amahoro.
Abasirikare b’ico gihugu barahagaritse uyo mutegetsi wa gisirikare acuditse na Visi Prezida wa mbere, Riek Machar, bongera barungika umurwi w’abasirikare gukiza ingoro ya Machar. Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko ivyo bishobora gusambura amasezerano y’amahoro yo mu 2018, yatumye ingwano ihagarara.
Igihugu ca Sudani y’Epfo kiri mu mutekano kuva mu mwaka w’2018, habaye amasezerano y’amahoro yahagaritse ingwano yari imaze imyaka 5 hagati ya Machar na Prezida Slva Kier. Iyo ngwano yahitanye ubuzima bw’abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi.
Ejo ku musi wa kabiri, General Paul Nang, umukuru w’intwaramiheto wa Sudani y’Epfo, yarahagaritse ivyegera vyiwe birimwo, Liyetona General Gabriel Dou Lam, mu gihe kandi abajejwe umutekano bakikuje ingoro ya Machar, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wiwe, Pal Deng, uyu musi ku wa kabiri.
Doup Lam yavuze ko ivyo biteye kubiri n’amasezerano yahagaritse ingwano muri Sudani y’Epfo, kandi bibangamiye urwego rujejwe gucungera amahoro n’umutekano, ruhurikiwemwo n’impande zose.
Forum