Uko wahagera

Uganda: Umuntu wa 2 Yahitanywe na Ebola


Umuntu wa kabiri yanduye ikiza ca Ebola muri Uganda yitavye Imana. Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS ryatangaje ano makuru rivuga ko ryayahawe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Uganda.

Nyakwigendera, yari umwana w’imyaka ine. Yaguye mu bitaro vyitwa Mulago, biri I Kampala ku murwa mukuru wa Uganda. Ni vyo bitaro vyonyene biriko vyakira abanduye Ebola muri ico gihugu muri iki gihe.

Abajejwe amagara y’abantu muri Uganda bavuga ko abanduye abamaze kwandura Ebola barimwo babiri imaze guhitana ari 10.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Uganda buvuga ko umunani mu basigaye bari mu banduye, bose barungitswe iwabo kuko bakize, ariko abagera ku 265 mu bari barahuye nabo banduye bakiri mu kato, kugira niba hari uwanduye ntihagire abandi banduye.

Umuntu wa mbere yanduye Ebola kuri ino ncuro muri Uganda yatangajwe mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG