Uko wahagera

ONU Igabisha ko Inzara Ishobora Kwica Benshi muri Sudani


Umutegetsi ajejwe agateka ka zina mntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagabishije ko abantu isinzi bashobora kwicwa n’ikigoyi muri Sudani.

Mw’ijambo yashikirije akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kajejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, yavuze ko igihugu ca Sudani gishobora kwadukamwo akajagari n’ubwicanyi bitari bwibonekeze, kandi ko abantu isinzi bashobora kwicwa n’inzara.

Amapfa muri Sudani amaze kwibonekeza mu bice bitanu vy’ico gihugu, birimwo amakampi y’impunzi yo mu ntara ya Darfur, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Umukuru w'akanama ka ONU kajejwe umutekano, yavuze kandi ko no mu bice umurwi RSF umaze gushingamwo ubutegetsi bisa n’ibirimwo amacakubiri n’indyane, bishobora kuvamwo intambara. Yasiguye kandi ko muri iki gihe, imirwi itandukanye itana mu mitwe ibandanya kuronka ibigwanisho bikomakomeye bivuye hanze y’igihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG