Uko wahagera

Burundi: Urunani na Dynamo Zihabwa Amahirwe yo Gutsinda Amahiganwa


URUNANI
URUNANI

Ihiganwa rya basketball rizotangura mu mpera z'ino ndwi mu Burundi. Imigwi 12 ni yo izokwitabira iryo higanwa. Abakurikiranira hafi urwo rukino, babona ko n’uno mwaka imigwi y’Urunani na Dynamo ari yo ifise amahirwe yogutwara igikombe.

Imigwi 12 izitabira iryo higanwa iri mu myiteguro ya nyuma. Mu mugwi wa Dynamo usanzwe uhatanira ibikombe buri mwaka, bavuga ko biteguye guhangana gushika batwaye igikombe. Joris Ndumutima, amenyereza Dynamo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko icababujije gutwara igikombe umwaka uheze biteguye kugikosora.

Mu mugwi w’Urunani, bakuye Bujeje Romus, umukinyi umwe mu beza Uburundi bufise muri kino gihe mu mugwi bakebana wa Dynamo, aje yiyongera k’ubanyamahanga baguze basanzwe bamenyereye ihiganwa ry’Uburundi. Abahinga muri urwo rukino babona ko uwo mugwi ushobora kwiyongera igikombe c’uno mwaka. Hakizimana Elvis amenyereza uwo mugwi ati mu Urunani buri mwaka intumbero n’igikombe.

Umwe mu bahinga b’urwo rukino yabwiye Ijwi ry’Amerika ko biteze ihiganwa rikomeye. Régis Bayihaye amenyesha ko kubona imigwi iva kuri 16 ikaba 12 bizotuma haba guhangana bikomeye ariko akabona ko Dynamo n’Urunani ari zo zihabwa amahirwe yogutwara igikombe.

Muri uno mwaka, abakinyi b'abanyamahanga ntibazorenga batanu muri 12 bakoreshwa ku mukino nayo mu kibuga ntibarenga batatu. Ni mugihe mw’ihiganwa ry’Uburundi ata bitigiri ntarengwa vyahahora. Umugwi wose kandi utegetswe kuba mu bakinyi 12 ufisemwo nibura umwe afise imyaka iri musi ya 21.

Imigwi izogera mu nkino za kamarampaka izoba yemerewe kwongeramwo abandi bakinyi banyamahanga babiri. Kubwa Hakizimana Elvis, kugabanya igitigiri c’abanyamahanga bishora gufasha abana b’Abarundi igihe batokwijajara ngo babone ko bagiye kuza barakira batabanje kubikorera.

Iryo higanwa ry’uno mwaka rizugururwa igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwa gatatu n’urukino ruzohuza Urunani na Aigle Noir ruzobera kuri Entente Sportive, mu gisagara ca Bujumbura.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Burundi: Urunani na Dynamo Zihabwa Amahirwe yo Gutsinda Amahiganwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:58 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG