Uko wahagera

Uganda: Umunyapolitike Kizza Besigye Yagirijwe Guhemukira Igihugu


Kizza Besigye Umunyapolitiki utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Museveni
Kizza Besigye Umunyapolitiki utavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Perezida Museveni

Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Uganda, Kizza Besigye, yagirijwe icaha co guhemukira igihugu. Mu mategeko ya Uganda, ico caha gishobora gutuma uwo cagiriye, acirwa igihano co kwicwa.

Sentare yo muri Uganda, yatangaje iyo ngingo uyu musi ku wa gatanu muri iki gihe ibirego yagirizwa, birimwo ko yari yateguye gukura ku butegetsi ku nguvu, Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni amaze igihe kirekire ku butgetsi, bibandanya gutangawa.

Besigye, amaze guhinganira ikibanza c’umukuru w’igihugu incuro zine, yari yicaye ku gakinga k’ibimuga igihe urwo rubanza rwariko rurasomwa muri sentare. Icaha yagirijwe co guhemukira igihugu, gishobora gutuma ahanishwa urupfu.

Besigye afise imyaka 68 yatawe mu mvuto kw’iginekerezo rya 16 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, inyuma y’aho yari amaze imisi itari mike, irengero ryiwe ritazwi, i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

Umuryango wiwe hamwe n’abamushigikiye basaba ko arekurwa bidatevye, Yamara kuva agitabwa mu mvuto, yagumije mw’ibohero ricungerewe cane, hanyuma mu nyuma atangura kugarariza ibifungurwa, no kwisonzesha.

Muri iyi misi iheze, igihe cose yari yarengutse muri sentare, yasa n’uwufise amagara make, ari na vyo vyatumye abiwe bagira amakenga, bavuga ko mu gihe hogira ikimushira ari muri iryo bohero, hashobora kuba uruhagara mu gihugu ca Uganda. Abanyauganda batari bake bariko baratera akamo gasaba abategetsi kumugirira imbabazi, bakamurekura.

Ishirahmwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnestie Internationale, na ryo nyene ryarateye akamo gasaba ko arekurwa. Ryavuze ko inyuruzwa ryiwe riciye kubiri n’amategeko yubahiriza ikiremwa muntu, kandi riteye kubiri n’ukuntu abaronderwa n’ubutungane, bashikirizwa ibihugu vyabo.

Bubaye ubugira kaniri, Besigye yagirizwa icaha co guhemukira igihugu.

Umushingwamanza amuburanira, Erias Lukwago yavuze ko ivyaha Besigye yagirizwa, vyavuye ku mvo za politike.

Forum

XS
SM
MD
LG