Urwamo rw'amasasi rwumvikanye, kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Uvira kiri mu buseruko bwa Repuburika ya demokrasi ya Kongo.
Ababa mu gisagara ca Uvira n’abategetsi baho batangaje ko habaye ubusahuzi n’ubwicanyi bw’abantu batari bake. Bavuga kandi ko ibiziga vy’abantu bishwe vyari mu mabarabara.
Bamenyesheje kandi ko abasirikare ba reta bafashe ku nguvu ubwato kugira bahunge baciye mu kiyaga Tanganyika. Bongeye bavuga ko abanyororo bari mw’ibohero ryo muri ico gisagara batorotse.
Abarwanya ubutegetsi bwa Kongo bo mu murwi waM23 bateye bagana igisagara ca Sange kiri hagati ya Kamanyola na Uvira inyuma y’uko bigaruriye igisagara ca Bukavu mu mpera z’indwi irangiye.
Bari bigaruriye igisagara ca Kamanyola kuri uyu wa kabiri w’iyi ndwi. Amakuru atangazwa avuga kandi ko abanyagihugu bo mu gisagara ca Uvira batekewe n’ubwoba.
Umwe mu bategetsi bo mu gisagara ca Uvira, atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko abantu bariko baricwa mu gihe ubusahuzi bukorwa na bamwe mu bagize FARDC n Wazalendo. (REUTERS)
Forum