Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jenerali Keith Kallogg, iri muri Ukraine mu biganiro n'abategetsi b'ico gihugu. Ni inyuma y'ibiganiro vyabaye hagati ya Amerika n'Uburusiya.
Jenerali Keith Kellogg, intumwa ya Prezida wa Amerika, Donald Trump muri Ukraine no mu Burusiya, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko Amerika yumva ko Ukraine ikeneye guhumurizwa ku vyerekeye umutekano wayo. Ni mu gihe ariko agendera ico gihugu mu biganiro n’abategetsi baco.
Kellogg yabwiye abamenyeshamakuru, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev, ko ari muri ico gihugu kwumviriza impungenge abategetsi baco bafise, hanyuma agaruke muri Amerika gucira ku mayange Prezida Trump ivyo bamushikirije.
Jenerali Keith Kellog yatangaje ko Amerika ishaka ko ingwano muri Ukraine irangira. Yavuze ko vyoba biri ku neza y’akarere n’amakungu. Ibiganrio kuri Ukraine biriko biba mu gihe hari utwigoro dushimikiye ku ngwano muri Ukraine, harimwo Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron yakiye, kuri uyu wa gatatu, abategetsi b’ibiugu vy’i Bulaya mu ncuro ya kabiri y’ibiganiro ku ntambara yo muri Ukraine n’imfashanyo Ubuyala buha ico gihugu.
Intumwa ya Amerika muri Ukraine n’Uburusiya, Jenerali Keith Kellogg, yarabonanye kandi, mu ntango z’iyi ndwi, n’abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya. Ku musi wa kabiri, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Marco Rubio yaragiranye ibiganiro n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov muri Arabiya Sawudite. Rubio yatangaje ko Ukraine n’Uburusiya vyotegerezwa kugira ivyo biheberaniye kugira amahoro ashikweko.
(VOANEWS)
Forum