Uko wahagera

ONU Yagiriza Umurwi wa M23 Kwinjiza Abana mu Gisirikare


Komiseri ajejwe agateka ka muntu muri ONU, Volker Turk
Komiseri ajejwe agateka ka muntu muri ONU, Volker Turk

Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe ONU ajejwe agateka ka muntu, Volker Turk, yagiriza abarwanya ubutegetsi bwa Republika ya demokrasi ya Kongo, bo mu murwi M23, ko bica abana kandi binjiza abana mu gisirikare.

Uwo mutegetsi Volker Turk yagiriza kandi abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 ko bakora ibitero mu bitaro no mu bigangara bishinguwemwo imfashanyo zigenewe abanyagihugu.

Mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri, yavuze ko ibiro vyiwe vyemeje ko hari abana bazwi ko bagandaguwe n’abarwanyi b’umurwi M23, inyuma y’uko binjiye mu gisagara ca Bukavu mu ndwi irangiye. Yatangaje kandi ko we hamwe n’abo bakorana baronse amakuru y’uko abo bana bari bafise ibirwanisho.

Nta birenga aho uwo mutegetsi yatangaje. Yamara imbere y’aho amashami y’ishirahamwe ONU yaragirije inteko za Reta ya Kongo n’abarwanya ubutegetsi ko binjiza abana mu gisirikare.

Akanana ka ONU kajejwe agateka ka muntu, muri uku kwezi, karashizeho umurwi uzotohoza amabi akabije yakozwe n’impande zompi zirwana muri Kongo, kuva mu ntango z’umwaka. Ayo arimwo no gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu hamwe no kwica abanyagihugu. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG