Gushika kuri uno w’Imana abanyagihugu bahunga intambara iriko irabera mu buseruko bwa Kongo bamaze kugera i Burundi bababa 10,000. Ibihumbi umunani muri abo bashikiye mu ntara ya Cibitoke. Inkuru twateguriwe na Désiré Hatungimana
Izo mpunzi zo muri Kongo ziriko zirahungira i Burundi ku bwinshi kuva ku wa gatandatu no ku cumweru aho abarwanyi b'umuhari M23 ushikiye i Bukavu.
Muri kino gihe bari muri komine Buganda, mu mazone ya Ndava na Ruhagarika be no muri Komine Rugombo, muri zone Mparambo, muri karitiye ya Rukana ya 1, 2,3, n’iya 4.
Carême Bizoza, buramatari w’intara ya Cibitoke mu burengero bw’Uburundi, intara ihana urubibe n’intara ya Kivu yo mu bumanukomuri Kongo, avuga ko abo bahunga bavuye ahitwa Kamanyola, Katogota, Ruvungi, Sange na Rubirizi.
Yabwiye itangazamakuru kuri uno wa mbere ko kububakira vyabagoye cane kuko batari biteze ko abantu bangana uko bahunga mu misi itarenze ibiri.
Izo mpunzi zabwiye abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ko aho zegeranirijwe kubibuga vy’umupira, kuri komine ku mavuriro no ku mashure ata kintu na kimwe zirengeje. Bamwe muri abo bigaragara ko bashonje, abafise abana bakiri bato bobo babuze ayo bacira n’ayo bamira.
Ingorane izo mpunzi zifise aho zashikiye ntizigiye kurangira vuba biturutse ku ngingo zafashwe n’intara ya Cibitoke kuko n’uwufise amafaranga ntarekuriwe gufata ihoteri.
Izo mpunzi ziratakambira reta y’Uburundi kuzikura muri ayo magorwa zirimwo nkuko zabandanije kuvyiganira abakunzi b’Ijwi ry’Amerika.
Kuri ivyo bibazo vy’impunzi, inyishu yihuta ni imwe nkuko vyashikirijwe na Martin Ninteretse, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Hari mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere mu gisagara ca Bujumbura.
Nayo ku bibaza ko intambara iriko iraba muri Kongo ishobora gutuma umutekano w’Uburundi uhungabana, umushikiranganji Ninteretse ati abarundi nibareme kirimwo abagabo.
Mu gihe Uburundi buriko burakira impunzi ziva muri Kongo zije ziyongera kuzisanzwe ziba mu Burundi zigera ku 86,000 nkuko vyashikirijwe n'umushikiranganji Ninteretse, hari abandi bantu baba mu Burundi bariko barirukanwa.
Umushikiranganji Ninteretse yamenyesheje ko abagera kuri 80, badafise vya ngombwa bibemerera kuba mu Burundi bashikanywe kuva kuri uno wa gatandatu ku mipaka y’ibihugu baje baturukamwo.
Mu gihe ku mbuga ngurukanabumenyi, abatari bake bavuga ko abanyamulenge bariko barafatwa ku bwinshi, umushikiranganji Ninteretse yamenyesheje ko mu birukanywe harimwo babiri, aca asaba abamenyeshamakuru kwitondera ivyandikwa muri kino gihe. Avuga ko ahanini abirukanywe bava muri Kongo, Uganda, Tanzaniya na Kenya.
Yamenyesheje ko ico gikorwa kizobandanya kuri abo bantu bose baba mu gihugu binyuranye n’amategeko.
Forum