Uko wahagera

Umwurwi wa Hamas Utegekanya Kurekura Imbohe 2 za Isirayeri


Bitegekanijwe ko umurwi Hamas utanganza amazina y'imbohe z’Abanyayisrayeri 2, uzorekura mu mpera z'iyi ndwi. Mu gusubiriza mu ndumane umurwi Hamas, bitegekanijwe ko Israyeri irekura Abanyapalesatina yagize imbohe mu mpera z’iyi ndwi.

Ni inyuma y’uko umurwi Hamas usubiye gushira imbere amasezerano yo guhagarika ingwano wagiranye na Israyeri.

Impungenge zari zibonekeje ku bijanye n’irekurwa ry’abandi Banyayisrayeri bagizwe imbohe n’umurwi Hamas inyuma y’uko uwo murwi wagirije Israyeri ko yarenze ku masezerano yo guhagarika ingwano, kandi yariko igabisha gusubira mu ntambara.

Umuvugizi w’umurwi Hamas, Abdel-Latif al-Qanoua, yatangaje ko badashaka ko amasezerano yo guhagarika ingwano mu ntara ya Gaza asenyuka. Yavuze ko umurwi Hamas ushaka kuyubahairiza kandi ushaka kubona ko Israyeri iyubahirije neza.

Qanoua yaranebaguye kandi ivyo yise imvugo y’iterabwoba y’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump. Yatangaje ko iyo mvugo idafasha ku bijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano yo guhagarika ingwano yapfunditswe hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas.

Reta ya Israyeri mu nyuma yaho yasubiye kwemanga ko umurwi Hamas utegerezwa kurekura, mu mpera z’iyi ndwi, abanyagihugu bayo 3 wagize imbohe. Umuvugizi wa Reta ya Israyeri, David Mancer, yatangaje ko mu gihe umurwi Hamas utabarekura kuri uyu wa gatandatu, amasezerano yo guhagarika ingwano azoca arangira. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG