Uko wahagera

Mu Burundi Hari Ibice Bitumvikanamwo Amaradiyo Asamiranira mu Gihugu


Mu gihe isi yose ihimbaza umunsi wahariwe iradiyo kw’isi, mu Burundi hari ibice bitandukanye bitumvikanamwo amaradiyo asamiranira mu gihugu nk’uko abamviriza amakuru babitwiganiye. Ivyo bice ni ivyo mu buraruko bw’igihugu birimwo intara za Kirundo, Kayanza na Cibitoke.

Izo ntara uko ari zitatu zihana imbibe n’igihugu kibanyi c’u Rwanda. Bamwe mu banyagihugu bazibamwo bavuga ko imirongo y’amaradiyo, harimwo na radiyo y’igihugu idakora neza. Ivyo bituma hari amakuru batamenya.

Ku bijanye n’ibice bitumvikanamwo amaradiyo mu Burundi, Methode Niyondiko, umuyobozi w’iradiyo y’igihugu kuri micro z’abakunzi bacu, kuri uyu wa gatatu yavuze ko mu minsi ya vuba, bizotorerwa umuti.

Oscar Nzohabonayo, umuyobozi mukuru wo kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru, ari mu kiganiro c’ikibiriraho cabereye ku nzu y’abimenyeshamakuru iri i Bujumbura ari naho hahimbarijwe umunsi wahariwe radiyo yavuze ko iradiyo ari kirumara muri kino gihe, haba ku wize n’uwutaciye ku ntebe y’ishure.

Ikindi abo bumviriza amakuru mu Burundi bavuga ni uko amakuru aca ku maradiyo atandukanye atagifise akanovera nka kera. Bemeza ko hari ivyo babona ko abamenyeshamakuru batinya kuvuga. Aba bumviriza amakuru bari mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.

Bavuga ko baca bahitamwo kuja kurondera ayo ku mbuga hwaniro naho ibicaho vyose, bataba bavyizeye.

Ikindi bamwe mu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika basanga cabafasha mu gukarisha ubumenyi bwabo, n’uko amaradiyo yokora mu mwidegemvyo, kuko vyatuma baronka amakuru yuzuye kandi yizewe.

Haraheze imyaka yababa icumi Reta y’Uburundi yugaye amaradiyo atandukanye yasamiranira mu vyuma vya FM mu ntara z’igihugu. Ayo kandi arimwo na Radiyo Ijwi ry’Amerika ndetse na BBC. Amwe muri ayo yakoreramu Burundi yagiye afungura imirongo hanze y’igihugu aho abayarongoye bari mu buhungiro. Basigura ko aho akorera muri iki gihe, bashobora gushikiriza ibiganiro n’amakuru ku Barundi baba mu gihugu imbere no hanze yaco hakoreshejwe imbuga hwaniro.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye na bamwe mu bahagarariye ayo maradiyo baribwira ko bakora mu buryo butaboroheye, ariko bakagerageza kugumana umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Uyu munsi wahariwe iradiyo kw’isi uba kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kwa kabiri buri mwaka wahawe icivugo kigira giti: “Iradiyo n’imihindagurikire y’ikirere”. Mu Burundi naho, bawuhimbaje ku civugo kigira kiti: “Kahise k’iradiyo iterambere ridakumira n’ikibanza cayo mu gihe twimirije amatora”.

Ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru n’ibimenyeshamakuru vyatangaje kuri uyu munsi wahariwe iradiyo ko abumviriza iradiyo mu Burundi bagera kuri 85 kw’ijana.

Uburundi Bwahimbaje Umunsi Mpuzamakungu Wahariwe Iradiyo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:23 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG