Uko wahagera

 
Ishirahamwe ry'Abarabu Ririyamiriza Umugambi wa Trump wo Kuvana Abanyepalestina muri Gaza

Ishirahamwe ry'Abarabu Ririyamiriza Umugambi wa Trump wo Kuvana Abanyepalestina muri Gaza


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu, Ahmed Aboul Gheit
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu, Ahmed Aboul Gheit

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu, Ahmed Aboul Gheit, yateye ivyatsi umugambi wa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, wo kwimura Abanyapalestina mu ntara ya Gaza, bakavanwa mu bindi bihugu.

Ahmed Aboul Gheit, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko kwimurira ahandi Abanyapalestina atawovyemera. Yavuze ko umugambi wa prezida wa Amerika, Donald Trump wo kuvana Abanyapalestina bagera ku miliyoni zibiri mu ntara ya Gaza yasinzikajwe n’ingwano, bizotuma akarere kaja mu ruhagara.

Aboul Gheit, yavuze ko ibihugu vy’Abarabu bidashobora kwemera umugambi washikirijwe na Prezida Trump, kuko bishobora kugeramira amahoro n’umutekano mu karere. Yasiguye kandi ko ivyo bihugu vyarwanije iciyumviro nk’ico mu kiringo c’imyaka ijana.

Umwami wa Jordaniya, Abdullah II, inyuma y’ibiganiro yagiranye na Prezida Trump, ku musi wa kabiri, yavuze ko yasubije kwemenga ko igihugu ciwe kidashigikiye na gato umugambi wo gukura Abanyapalestina mu ntara za Gaza na Sijordaniya, bakajanwa ahandi.

Umwami Abdullah yavuze ko gusubira kwubaka intara ya Gaza Abanyapalestina batabanje kwimurwa hamwe no kubanza kugarukira abasinzikaye bikomeye, ari vyo vyotegerezwa gushikirwako kurusha ibindi. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG