Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije ko zishobora gufatira ibihano abategetsi b'u Rwanda na Republika ya demokrasi ya Kongo.
Ni imbere y'inama igenewe gutorera inyishu intamabara itera ikomera kurushiriza mu buseruko bwa Kongo, nk'uko urwandiko rw'ubushikirangaji bujejwe imigenderanire bwa Amerika rubivuga.
Urwandiko ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwarungikiye Kenya kuri uyu wa gatanu, rutangaza kugira umutekano urangwe mu karere bizosaba ko igisirikare c’u Rwanda gikura inteko n’ibirwanisho bikomeye vyarwo muri Kongo.
Kenya ni co gihugu kiyoboye muri iki gihe ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, EAC.
Urwo rwandiko rutangaza ko mu gihe Amerika iriko isaba impande zompi zihanganye guhagarika imishamirano, izokwiyumvira ibihano ku mpande zitazokwubahiriza ibisabwa, harimwo abategetsi b’igisirikare n’aba reta mu bihugu bihanganye vyompi.
Kongo n’u Rwanda biragirizanya uruhagarara rurangwa mu buseruko bwa Kongo, aho abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23 bafashe umurwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu buraruko. Muri iki gihe bariko bafata ibindi bice mu buseruko bw’igihugu.
Inama ikomeye y’abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko na Afrika yo mu bumanuko yatanguye kuri uyu wa gatanu mu gihugu ca Tanzaniya. Vyitezwe ko prezida wa Kongo, FelixTshisekedi n'uw’u Rwanda, Paul Kagame, bayitaba.
Prezida Kagame yagirizwa na Reta ya Kongo n’ishirahamwe mpuzamaku ngu ONU n’ibindi bihugu bikorana vyo mu burengero bw’isi ko aha ibi rwanisho kandi ashigikiye abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23. u Rwanda rwagumye ruhaka ivyo birego.
Mu kwezi kw’indwi kw’umwaka urangiye, ubushikiranganji bujejwe ikigega muri Amerika bwarafatiye ibihano, Alliance Fleuve Congo, urunani rw’abarwanya ubutegetsi rurimwo umurwi M23.
Inyuma y’uko bafasha Goma, igisagara kinini kurusha ibindi mu buseruko bwa Kongo, mu ndwi irangiye, abarwanya ubutegetsi bo mu murwi M23, ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, barigaruriye ikindi gisagara gicukurirwamwo ubutare.
Ni mu gihe bariko batera baja ku murwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu bumanuko, Bukavu, mu bibirenga ku gahengwe bari batangaje ku ruhande rwabo.
Ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe gukwirikirana ibikorwa vyo gutabara, ku musi wa gatatu, vyemenyesheje ko abantu n’imiburiburi 2,800 bapfuye mu ngwano uherutse kubera mu gisagara ca Goma.
Muri ico gihe, umutegetsi mukuru w’ishirahamwe ONU aejwe agateka ka muntu, Volker Turk, kuri uyu wa gatanu, yabwiye abari mu nama yihuta y’akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu, ko yiteze ko amabi afatiye ku gitsina yiyongera mu karere, harimwo gufata abapfasoni n’abakeneyezi ku nguvu. (REUTERS)
Forum