Uko wahagera

Isirayeli Irategura Imigambi y’Uko Abanyepalestina Bova mu Ntara ya Gaza


Ministri Israel Katz ajejwe kwivuna abansi muri Israel yatangaje uwo mugambi
Ministri Israel Katz ajejwe kwivuna abansi muri Israel yatangaje uwo mugambi

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Israyeri, Israel Katz, kuri uyu wa kane, yategetse igisirikare gutegura imigambi yerekeye ukuva ku bwinshi kw'Abanyapalestina mu ntara ya Gaza baciye mu mayira yo gusohokeramwo yo ku butaka, mu mazi hamwe no mu kirere.

Israel Katz yarakiye neza ivyo yise umugambi mwiza wa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, usaba ababa mu ntara ya Gaza kuhava.

Abategetsi b’Abanyapalestina barateye ivyatsi umugambi washikirijwe na Prezida Trump mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu.

Ico gihe yaratangaje ko ashaka kwigarurira intara ya Gaza, Abanyapalestina imiliyoni 2 bagategerezwa kwimurirwa ku nguvu mu bindi bihugu kugira iyo ntara ihinduke akarere kari ku nkengera y’ibahari Mediterane gateye igomwe mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, yaratangaje kuri televiziyo, Fox News, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu ko Abanyapalestina bashobora kuva mu ntara ya Gaza mu gihe iyo ntara izoba iriko irasubira kwubakwa, bakabona kugaruka mu nyuma y’aho.

Netanyahu yavuze ko iciyumviro cashikirijwe na Prezida Trump ari ciza cane, kandi ko cotegerezwa kwihwezwa no gushirwa mu bikorwa. Yavuze ko bizotuma haba kazoza gatandukanye ku bantu bose bo mu karere.

Forum

XS
SM
MD
LG