Uko wahagera

Burundi: Amashyirahamwe Atandukanye Ariyamiriza Intambara yo muri Kongo


Abarwanyi ba M23
Abarwanyi ba M23

Amashirahamwe atandukanye akorera mu gihugu c’Uburundi, akomeje kumvikana yiyamiriza intambara iriko irabera mu gihugu ca Kongo. Ayo mashirahamwe aradoma urutoke igihugu c’u Rwanda kugira uruhare runini mu gufasha umurwi wa M23 guteza umutekano muke ndetse no guhungabanya umutekano mu karere Uburundi buherereyemwo.

Ayo mashirahamwe arimwo ACOPA Burundi, ryishinze gutanga intererano mu gutsimbataza amahoro arama mu Burundi, Urunani rw’amashirahamwe y’abagendana umugera wa SIDA CAPES+, FOLUCON.F ryishinze kurwanya ikimenyane n’aka mwana wa mama n’ayandi bari mu bafashe iya mbere mu kwiyamiriza intambara ibera muri Kongo.

Kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika ayo mashirahamwe ashikiriza ko atewe umutima uhagaze n’iyo ntambara igenda isatira Uburundi nkuko umukuru w’igihugu c’Uburundi aherutse kubishikiriza, aho yavuze ko u Rwanda rushobora gutera Uburundi rubicishije ku murwi M23 na Red Tabara.

Iryo shirahamwe rirashinja kandi igihugu c’u Rwanda kuba inyuma y’iyo ntambara mu gufasha umurwi M23. Isaac Bakanibona kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika uku niko abisigura.

Amza Venard Burikukiye aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe CAPES+ nawe aradoma urutoke ku gihugu c’u Rwanda kuba ari co kiriko kirwanira muri Kongo.

N’ishirahamwe Folucon. F. ryishinze kurwanya ikimenyane n’aka mwana wa mama, rivuga ko ribabajwe n’abariko bapfira mu gihugu kibanyi ca Kongo. Kwizera Privat, umuvugizi w’urirongoye avuga ko iryo shirahamwe rifise amakuru yizewe ko igihugu c’u Rwanda arico giteje umutekano muke mu karere na cane cane muri Kongo. Yaciye asaba ibihugu bigenzi vya Kongo kugifasha guhosha iyo ntambara.

Aha kandi n’umugambwe MSP Inkinzo y’ijambo ry’Abarundi kuri micro z’abakunzi bacu nawo washikirije ko badakekeranya ko intambara iriko ibera muri kongo igendereye kwerekeza mu gihugu c’Uburundi. Juma Omar Coyitungiye umunyamabanga w’uwo mugambwe avuga ko biteguye gufasha umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu gukingira igihugu n’imbibe.

Abategetsi batandukanye mu Burundi barimwo Prezida Ndayishimiye bakaba n’abo baherutse gushinja igihugu c’u Rwanda kuba imbere mu ntambara iriko ibera muri Kongo. Mu minsi mikeyi iheze, ministri w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda ndetse n’umuvugizi wungirije wa Reta y’u Rwanda yaremeje ko u Rwanda rufite abasirikare muri Kongo mu rwego rwo gukingira umutekano warwo.

Gusa, mu kiganiro yahaye Televiziyo y’inyamerika CNN mu ntangiriro z’iyi ndwi, Perezida Paul Kagame w’u Rwanda yabwiye umunyamakuru wayo Larry Madowo ko atazi niba hari abasirikare b’igihugu ciwe bari muri Kongo.

Mu bihe bitandukanye, Leta zunze ubumwe z’Amerika, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’umuryango w’Ubumwe bw’Uburayi vyavuze ko "u Rwanda rugomba guhagarika inkunga ruha umutwe wa M23 no gukura ingabo zarwo muri Kongo."

Forum

XS
SM
MD
LG