Uko wahagera

Arijantina Yafashe Ingingo yo Kuva muri OMS


Perezida Javier Milei w'Arijantine yatangaje ingingo yo kuva muri OMS
Perezida Javier Milei w'Arijantine yatangaje ingingo yo kuva muri OMS

Prezida w’igihucu c’Arijantina, Javier Mirei, yafashe ingingo yo gukura igihugu ciwe mw'ishirahamwe ryita ku magara y'abantu kw'isi, OMS, bivuye ku kutumvikana gukomeye naryo.

Ingingo ya Prezida w’Arijantina Javier Mirei, ikwirikiye ingingo imeze nk’aho iherutswe gufatwa na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Donald Trump yateye igikumu kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryakuye Amerika mw’ishirahamwe OMS, kw’itariki 21 y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Arijantina, Manuel Adorni, yavuze ko ingingo y’ico gihugu yo kuva mw’ishirahamwe OMS, ifatiye ku kutumvikana gukomeye naryo, cane cane kwibonekeje mu kiringo c’ikiza ca COVID-19.

Yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Argentine, Buenos Aires. Adorni yavuze ko ivyo ishirahamwe OMS ryasaba ko vyubahirizwa ico gihe, vyatumye imirimo ihagarara ku buryo bitari bwabe imbere y’aho mu mateka y’isi.

Umuvigizi w’ibiro vyaprezida w’Arijantina yongeye avuga ko ishirahamwe OM, ridafise ubwigenge kubera ibihugu bimwe bimwe biribwiriza ivyo ritegerezwa gukora.

Yamara ntiyadomye urutoke kuri ivyo bihugu. Yavuze ko igihugu ciwe kitazorekurira ishirahamwe mpuzamakungu iryo ari ryo ryose kwivanga mu biraba igihugu ciwe, harimwo n’ivyerekeye amagara y’abantu. (AP

Forum

XS
SM
MD
LG