Uko wahagera

Amerika n'Ubushinwa Biraganira ku Kibazo c'Amatagisi


Perezida Donald Trump w'Amerika na Xi Jinping w'Ubushinwa
Perezida Donald Trump w'Amerika na Xi Jinping w'Ubushinwa

Bitegekanijwe ko Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, na Prezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, baganirana ibiganiro vuba kuri telefone ku matagisi igihugu kimwe cadugirije ikindi ku bidandazwa uruhande rumwe rushorera urundi.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa Prezida Trump, Karoline Leavitt, yatangaje ko ibiganiro kw’itelefone hagati ya Trump na prezida w’Ubuhsinwa, Xi Jinping biriko birategekanywa, kandi ko bizoba vuba cane.

Prezida Trump yatangaje ko yafashe ingingo yo kuduza amatagisi ku bibandazwa Ubushinwa bushorera muri Amerika mu ntumbero yo kuremera ico gihugu kugira gifate ingingo zigenewe guhagarika ikiyaruramutwe ca Fentanyl cinjira muri Amerika. Trump yavuze ko Ubushinwa ariryo soko rikuru ry’ivyo abagurisha ibiyayuramutwe bo muri Mexique bakoresha mu guhingura Fentanyl.

Ingingo nshasha ya Prezida wa Amerika, Donald Trump, yo gutangisha amatagisi ku rugero rw’ibice 10 kw’ijana ku bibandazwa biturutse mu Bushinwa, yagiye mu ngiro igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro ku musi wa mbere w’iyi ndwi.

Gatoyi mu nyuma yaho, Ubushinwa bwaciye bufata ingingo yo gutangisha amatagisi ku rugero rw’ibice 15 kw’ijana ku bidandazwa bivuye muri Amerika bigizwe n’ibizuku n’umwuka utanga inguvu, hamwe n’ibice 10 kw’ijana ku bitoro bidahinguye, imashini zikoreshwa mu burimyi n’ubwoko bw’imodoka bumwe bumwe.

Amerika n’Ubushinwa, ibihugu bibiri bikomeye cane kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi, biri mu ntambara y’ubudandaji kuva mu mwaka w’i 2018, igihe Prezida Trump, mu kiringo

ciwe ca mbere yadugije akatari gake amatagisi ku bidandazwa biturutse mu Bushinwa. Ubushinwa barasubirije mu ndumane Amerika ico gihe cose. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG