Uko wahagera

 
Prezida w'Ubufaransa Yavugishije Kagame na Tshisekedi ku Kibazo c'Umutekano wa Kongo

Prezida w'Ubufaransa Yavugishije Kagame na Tshisekedi ku Kibazo c'Umutekano wa Kongo


Ino Foto yafatiwe i new York mu 2022.
Ino Foto yafatiwe i new York mu 2022.

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, ariko arongereza utwigoro twiwe mu ntumbero yo gufasha gutorera inyishu uruhagarara rutera rukomera kurushiriza muri Repubilka ya demokrasi ya Kongo.

Prezida Macron yaragiranye ibiganiro n’abategetsi bo mu karere, harimwo prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi n’uw’u Rwanda Paul Kagame. Yasavye ko haba ibiganiro kugira umutekano ntuhungabane kurushiriza mu karere. Mu mpera z’indwi irangiye, Macron yaravuganye kandi n’abategetsi b’ibihugu vya Kenya, Afrika y’epfo, Kongo-Brazzaville na Angola.

Ibiro vya Prezida Macron vyavuze ko ariko akora yivuye inyuma kugira ibintu ntibiyanzare kurushiriza. Ariko akora kandi kugira haboneke uburyo bwotuma haba ibiganiro.

Ibiro vya Prezida Macron vyatangaje kandi ko hategerezwa gukorwa ibishoboka vyose kugira ubwigenge n’imbibe vya Republika ya demokrasi ya Kongo bisubire kubahirizwa. Ariko asaba kandi umwumvikano hagati ya ba prezida Felix Tshisekedi na Paul Kagame.

Prezida w’Ubufransa abandanya kuvugana na Prezida wa Angola, Joao Lourenco, yakiye mu kwezi guheze, i Paris, ku bijanye n’utwigoro two guhuza impande zishamiranye.

Ico gihe, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa, bwarerekanye impungenge zikomeye ku bubabare bw’abanyagihugu n’umutekano muke birangwa mu buseruko bwa Kongo, cane cane mu gisagara ca Goma aho ibintu vyayanzaye n’ingoga. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG