Prezida wa Amerika Donald Trump yagenye Umwanditsi Leo Brent Bozell III, aharanira kandi atsimbataye ku vyiyumviro n’imigenzo vya kera, mu kibanza c’umuyobozi mukuru w’ikigo US Agency for Global Media", (USAGM) kijejwe itangazamakuru mpuzamakungu muri Amerika.
Iki kigo cegukira reta ya Amerika kingenzura ibimenyeshamakuru bitanu mpuzamakungu vyegukira reta ya Amerika, birimwo Ijwi ry’Amerika.
Ubutumwa prezida mushasha wa Amerika Donald Trump yanditse ku rubuga rwiwe rwa Truth bugira buti: “Ni bake batahura ivy’itangazamakuru mpuzamakungu yaba iryandika, irya tereviziyo canke iryo ku mbuga ngurukanabumenyi nka Brent, yatanguje ikigo c'ubushakashatsi c'itangazamakuru citwa "Media Research Center", akaba ari nawe amaze imyaka 38 agitwara.”
Trump Yagenye Umwanditsi Brent nk'Umukuru wa USAGM Itwara VOA

Forum