Ingabo z’Ubufaransa zose ziri muri Cote d’Ivoire zizotahuka muri uku kwezi kwa mbere.
Prezida w’ico gihugu Alassane Ouattara yabitangarije mw’ijambo ry’umwaka mushasha yashikirije abanyagihugu ba Cote d’Ivoire n’amakungu. Alassane Ouattara avuga ko ingabo z’igihugu ciwe zikwije kandi ari ivyo kwishimira.
Abasirikare b’Ubufaransa bari muri Cote d’Ivoire bagera ku 1000. Bari bagiye gufasha ico gihugu n’ibihana imbibe naco, guhangana n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.
Batayo ya 43 abo basirikare bahoramwo izoca ija mu minwe y’ingabo za Cote d’Ivoire. Bakinjuye mu gihe mu kwezi kwa cumi hategekanijwe amatora rusangi muri Cote d’Ivoire. Ouattara ntaravugira ku mugaragarao niba ategekanya kwitoreza manda ya kane ( AFP)
Forum