Ibiro vy’inyamiramabi muri Amerika, FBI, vyashize ahabona imyidondoro y’ umushoferi w’imodoka yo mu bwoko bw’igikamyo yishe agonze abantu 10, akomeretsa abarenga 35, abasanze mu masanganzira y’amabarabara abiri yitwa Canal na Borbon yo mu gisagara ca New Orleans co muri Leta ya Louisiana iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika.
Itangazo rya FBI rivuga ko uwo mugabo yagirizwa gukora iryo bara yitwa Shamsud-Din Jabbar. Ni umunyamerika w’imyaka 42. Imodoka yagongesheje abari mw’ibarabara bahimbaza umwaka mushasha yari inkoteshanyo yo mu bwoko bwa Ford. Yariko idarapo riranga intagondwa ziyitirira idini rya isilamu kandi yarimwo ibirwanisho.
FBI mw’itangazo ryayo yavuze ko Shamsud-Din Jabbar yiraye mu bantu bariko bahimbaza umwaka mushasha ku masanganzira y’amabarabara yitwa Canal na Borbon yo mu gisagara ca New Orleans co muri Leta ya Louisiana sa cenda zirengako iminota 15 z’ijoro. Inyuma yo kubagonga, FBI ibandanya kuvuga ko yaciye ava muri uwo muduga, atangura kurasa abajejwe umutekano, nabo baramusubiza aca aracikana.
Muri 35 yakomereje, harimwo abapolisi 2 bariko baravugwa nkuko FBI ibandanyta kubivuga. Itangazo rya FBI rivuga kandi ko mw’isakwa ryakozwe muri karitiye iryo bara ryabereyemwo, hari ibisasu birimwo ibi bombe vyo gutega bisa nk’ivyari mu muduga wa Shamsud-Din Jabbar bahasanze.
FBI ivuga ko mu vyo igitohoza, harimwo ukumenya ingene vyagenze kugira akoteshe umuduga yakoresheje ibara, n’ubucuti yari afitaniye n’intagondwa zo mu murwi wa ISIS wiyitirira idini rya Isilamu, hamwe no kumenya niba hari abandi bari basangiye umugambi.
Amabarabara ya Canal na Borbon yabereyemwo iryo bara, ari mu yagenderwa cane n’ingenzi ziva mu mihingo itandukanye y’isi, zije mu gisagara ca New Orleans kiri mu bigenderwa gose muri Amerika.
Ku rundi ruhande, igipolisi c’ico gisagara cavuze ko cuguruye amatohoza y’ico cafashe nk’iterabwoba ryakozwe bigambiriwe. Komiseri wa polisi muri ico gisagara, Anne Kirkpatrick, yagize ati: “Yari yiteguriye guteza akajagari no gukora ibara. Yabikoze abishaka. Uwu mugabo yashaka kwica benshi bashoboka.” Uwo mutegetsi yabandanije kuvuga ko bariko bakora ibishoboka vyose, kugira umukino wa "football" hagati ya za kaminuza benshi bari biteguriye kuraba muri sitade "Superdome" ube ata nkomanzi mu mutekano.
Prezida wa Amerika Joe Biden yavuze ko ababajwe n'ivyabaye, yongera ahoza imiryango yabuze.
Forum