Uko wahagera

Kongo Yaciriye Urubanza rwo Gupfa Abasirikare 13


Sentare ya gisirikare muri Kongo yaciriye urubanza rwo gupfa abasirikare 13 bagirizwa ivyaha birimwo ukwica, ugusahura no guhemukira igihugu.

Indongozi za gisirikare zavuze ko urwo rubanza baruciriwe mu ntumbero yo guteza imbere ico bise “disipuline" mu gisirikare ikenewe inyuma yaho hari teritwari zagiye mu minwe y’abarwanyi kubera bamwe mu basirikare bahunga bagata ibirindiro vyabo”

Urubanza rw’abo basirikare rwabaye ku musi wa kabiri, mu gisagara citwa Lubero, kiri mu ntara ya Kivu ya ruguru. Iki gisagara, kimaze imyaka igera kuri 3 kiberamwo intambara abarwanyi ba M23 bivugwa ko bashigikiwe n’u Rwanda, bahanganyemwo n’ingabo za Kongo, FARDC.

Mak Hazukay avugira igisirikare muri iyo ntara yavuze ko “ Ingwano yongeye kubuka muri teritware ya Lubero, kandi ko abasirikare bata ibirindiro vyabo bafashije umwansi gutera intambwe.”Ati: “Abasirikare benshi bahagaritse gutuza umwansi baradohotse ku karangamutima k’umwuga wabo. Vyabaye ngombwa ko urubanza rugenda uko, kugira dushire ibintu ku murongo.”

Kabala Kabundi, umucamanza yashashe mu rubanza rw’abo basirikare nawe yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, ko uru rubanza rwari rufise kandi intumbero yo kugarukana icizere hagati y’abanyagihugu n’abasirikare.

Muri rusangi, abasirikare bari muri ino dosiye ni 24. Hambavu ya 13 bakatiwe igihano co kwicwa, 4 bandi bakatiwe umunyororo w’imyaka iri hagati ya 2 na 10, abandi 6 bagirwa abera. Urukiko rwavuze ko rugiye kubandanya rukora amatohoza ku wundi umwe.
Abaciriwe urubanza bose bahakanye ivyo bagirizwa. Bafise imisi itanu yo kunguriza urubanza ( Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG