Prezida wa Kenya William Ruto yemeye ko abajejwe gucungera umutekano muri ico gihugu bakoze amabi atandukanye ku bakora imyiyerekano.
Mw’ijambo ryo gutangura umwaka wa 2025 Prezida Ruto yashikirije abanyagihugu, yavuze ko atawoharira ko abajejwe umutekano bakoze amabi arimwo ndengerabutungane ku bakora imyiyerekano. Ruto yamara ntiyatomoye ubwoko bw’ayo mabi.
Yagize ati: “Naho biri uko, ni ngombwa kwibuka ko uburenganzira bwa muntu bufise aho bugarukira, kandi umutekano w’igihugu ubwirizwa kuja imbere y’ubwisanzure butagira uwo bubangamiye.”
Abakora imyiyerekano muri Kenya kuri ino ncuro, bariko biyamiriza inyuruzwa ry’abatavuga rumwe na reta bemeza ko ryabaye ndanse, no gupfunga bamwe mu biyerekana.
Mu ndwi iheze, Prezida Ruto yavuze ko agiye gukora ibishoboka vyose uko kunyuruzwa kw’abatandukanye kugahagarara. Abaharanira agateka ka zina muntu babifashe nkaho ari ukwicuza no kwemanga ko ayo mabi ahari.
Mu baheruka kunyuruzwa, harimwo abakiri bato benshi barimwo abahora bandika amajambo anebagura Ruto babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi.
Mu bahagaristwe, harimwo abakwiragije ifoto ya Prezida William Ruto ari mw’isandugu ishingurwamwo abitavye Imana. Mw’ijambo ryiwe, Prezida wa Kenya yagarutse kuri iyo foto yakozwe hifashishijwe ubuhinga bwa none, avuga ko ari ikimenyetso c’uko imigenzo myiza no kugira ico umuntu yiyubara biriko biratituka bivuye ku birimwo ugukoresha nabi ubuhinga bwa none.
Forum