Donald Trump yagenywe mu mabanga ya prezida wa Amerika, azokwitabira ibirori vyo gushingurana iteka Jimmy Carter yabaye prezida wa 39 wa Amerika.
Amakuru y’uko Prezida Donald Trump azoba ari mu mihango yo gushingurana iteka Nyakwigendera Jimmy Carter, yayemereye abamenyeshamakuru babimubajije ariko yinjira mu birori vyo guhimbaza umwaka mushasha, vyabereye ku muhana wiwe witwa Mar-a-Lago, muri reta ya Florida. Iyo mihango izobera I Washington DC igenekerezo rya 9 uku kwezi kwa mbere,
Yagize ati: “ Ego, nzogenda. Ni yo nzoba ndi. Barantumiye.” Trump yanse ariko kwishura ikibazo co kumenya nimba hari uwo mu muryango wa Jimmy Carter aravugisha kuva umunsi yitaba Imana ku wa Mungu.
Muri ivyo birori vyitabiriwe n’incuti magara za Donald Trump zirimwo umutunzi karuhariwe Elon Musk na Senateri Ted Cruz, abamenyeshamakuru babajije kandi Donald Trump ubutumwa yoha abarepublikane badashigikiye ko Umurepublikane Mike Johnson asubira gutorwa nk’umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika nkuko Trump avyipfuza. Yabasubije ko ari we wenyene abereye uwo mwanya.
Mu majambo yiwe yagize ati: “Nibaza ko bazomushigikira. Ni we wenyene ashobora gutsindira uwo mwanya. Ubiravye, nka bose baramukunda kandi baramushigikiye. N’abandi ntaco batwaye, ariko bafise abantu 30 canke 40 batabashigikiye.”
Umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika azotorwa ku wa gatanu w’ino ndwi, inyuma y’uko abashingamateka bashasha bazorahira. Kuba Donald Trump aheruka kuvugira ku mugaragaro ko yipfuza ko Mike Johnson aguma ari we ari umukuru w’inama nshingamateka, vyafashwe nk’ibimuhesha amahirwe yo kuguma muri ayo mabanga arimwo kuva mu 2023.
Biri uku mu gihe hari amakenga yari ahari y’uko atazosubira gutorwa, inyuma yaho abarepublikane 34 mu kwezi kwa cumi na kabiri banse gutora umugambi wiwe wo kwemeza amafaranga reta iba irakoresha vy’imfatakibanza (REUTERS)
Forum