Umushoferi w’imodoka yo mu bwoko bw’igikamyo yishe agonze abantu 10, akomeretsa 30, abasanze mu masanganzira y’amabarabara abiri yitwa Canal na Borbon yo mu gisagara ca New Orleans co muri Leta ya Louisiana iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Leta zunze ubumwe z'Amerika.
Uwakoze iryo bara yiraye mu kivunge c’abantu bariko bahimbaza umwaka mushasha ku masanganzira y’ayo mabarabara agenderwa cane n’ingenzi ziva mu mihingo itandukanye y’isi, zije guhimbaza umunsi mukuru w’umwaka mushasha.
Igipolisi c’ico gisagara cavuze ko cuguruye amatohoza y’ico cafashe nk’iterabwoba ryakozwe bigambiriwe. Komiseri wa polisi muri ico gisagara, Anne Kirkpatrick, yagize ati: “Yari yiteguriye guteza akajagari no gukora ibara. Yabikoze abishaka. Uwu mugabo yashaka kwica benshi bashoboka.” Uwo mutegetsi yabandanije kuvuga ko bariko bakora ibishoboka vyose, kugira umukino wa "football" hagati ya za kaminuza benshi bari biteguriye kuraba muri sitade "Superdome" ube ata nkomanzi mu mutekano.
Abategetsi b’igisagara ca New Orleans ntibigeze batanga imyidondoro y’uwakoze iryo bara n’icoba camutumye kubikora. Umwe mu bakorera ibiro vy’inyamiramabi muri ico gisagara (FBI), nawe yavuze ko buguruye amatohoza ku muntu umwe yaciye aturitsa igisasu ahabereye iryo bara. Prezidansi y'Amerika yatangaje ko Prezida Joe Biden yamenyeshejwe iby'iryo bara. (AP)
Forum