Uko wahagera

Ukraine: Ibitero Uburusiya Bwatugavyeko Kuri Noheri ni Ubunyamaswa Bukabije


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky

Ukraine yagirije Uburusiya kugaba ibitero vy’ibisasu vya misile birenga 70 ku butaka bwayo kuri uno munsi wa Noheli. Ukraine ivuga ko muri ivyo bitero, hari bimwe Uburusiya bwagavye ahari ibikorwa vy’ingomero z’umuyagankuba.

Ibisagara Uburusiya bwagavyemwo ibitero birimwo icitwa Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, kikaba kiza ubwa kabiri mu bunini muri ico gihugu. Umukuru w’ico gisagara, Igor Terekhov, yavuze ko hambavu ya za misile Uburusiya bwamijaguyeyo, bwagavyeyo n’ibitero vy’indege zitagira abadereva, drone.

Buramatari atwara akarere ico gisagara kirimwo, yemeza ko ivyo bitero vyakomerekeje abantu barenga batanu, bisambura amabarabara menshi abasivile bakoresha ku munsi ku munsi.

Sosiyete yigenga DTEK ikorera mu vy’umuyagankuba nayo yavuze ko misile z’Uburusiya zononye vyinshi kandi zatumye umuyagankuba ucika mu bisagara birimwo Dnipropetrovsk, Odesa n’umurwa mukuru Kyiv.

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yise ivyabaye igikorwa c’ubunyamaswa agira ati:"Uno munsi, Putin yahisemwo kugaba ibitero kuri noheri kandi yabigize n’ibigirankana. Hari ubunyamaswa burenze aha?"

Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy abandanya kuvuga ko igisirikare c’igihugu cashoboye gukorora misile zigera kuri 50 mu zo Uburusiya bwateye, ariko ko hari vyinshi vyononekaye mu burere bwinshi bw’igihugu, kandi umuyagankuba waciye ucika henshi.

Ku ruhande rw’Uburusiya, Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri ico gihugu bwemeza ko bwakoroye indege z’intambara zitagira abadereva, Drone 58. Iki gitigiri kiri hejuru cane ugereranije n’uko vyahora mu bitero vya drone izo mpande zibiri zikunze kugabanako.

Uburusiya bukavuga ko ibitero vya Ukraine navyonyene vyononye ibikorwa vyinshi birimwo ibitanga umuyagankuba. ( REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG