Igihuhusi Chido, cahitanye abantu 45 muri Mozambike, abandi amajana n'amajana barakomereka.
Hari inyuma y’uko ico gihuhusi giciye muri ico gihugu ku musi w’Imana, cateje imiyaga yari ifise umuvuduko ugera ku bilometero 260 kw’isaha ibiciye bigacika cane cane mu ntara za Cabo Dealgado na Nampula mu buraruko bwa Mozambike.
Ibiro vy’ishirahamwe ONU bikwirikirana ibikorwa vyo gutabara vyatangaje ko vyasohoye imiliyoni zine z’amadolari y’imfashanyo yihutirwa igenewe gufasha abantu bagera ku 181.000 basinzikajwe n’igihuhusi Chido. Imirwi y’abajejwe gutabara vyihutirwa bariko bakora kugira bafashe imiryango y’abantu bavuye mu vyabo.
Bariko kandi bihweza urugero rw’ivyononekaye.
Abakozi bajejwe gutanga imfashanyo bavuga ko ivyoshimikirwako kurusha ibindi muri iki gihe ari ibifungurwa, amazi, isuku, uburaro, n’ibindi bikenewe kugira bifashe abasinzikaye kwogorora.
Forum