Uko wahagera

Umunyeshure w'Umurundi w'Imyaka 19 Yakubiswe Bunyamanswa I Kigali


Polisi y’u Rwanda ivuga ko bafadikanije na RIB, abakekwaho ico caha bagera kuri 10 bamaze gufatwa
Polisi y’u Rwanda ivuga ko bafadikanije na RIB, abakekwaho ico caha bagera kuri 10 bamaze gufatwa

Urwego rw’ubugenzacaha mu Rwanda RIB rurimo gukora iperereza ku bantu icumi rwataye muri yombi kubera ko bakubise bunyamaswa umunyeshure w’umurundi wigaga mu ishure ry'isumbuye riri I Kigali.

Mu gitondo co kuri uyu wa gatatu mu masaha ya sayine ni bwo Ijwi ry’Amerika ryishikiye ku bitaro vya Masaka, biherereye mu karere ka Kicukiro, aho uwo musore Haberumugabo Divin afise imyaka 19 ariko aravurirwa.

Bitewe n’uko bitari vyemewe kumuvugisha canke kugira amafoto afatwa, Ijwi ry'Amerika ryabashije kubona uko ubuzima bwa Haberumugabo bumerewe, ndetse n’uko ariko aritabwaho n’abaganga.

Nk’uko twavyiboneye, uwo musore Haberumugabo, afise ibikomere ku mubiri wose yagiye akubitwa mu bihe bitandukanye nk’uko umwe mu bamushikiriye hakimara kumenyekana ubwo bugizi bwa nabi yabitwiganiye.

Uravye mu mugongo wiwe biboneka ko yakubiswe ivyuma, ku maboko naho aho bamuboshe imbere y’uko bamukubita, hari ibikomere. Ku gice c’inyuma co mu kiyunguyungu no hepfo gato, yarakubaguwe cane kuko biboneka ko hose hafutse n’amapasuma, ndetse akaba atabasha no kwicara, ku buryo aryama yubitse inda gusa.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya uko ubutungane bwo mu Rwanda buriko buratunganiriza Haberumugabo Divin kugira ngo abakoze ivyo bafatwe bahanwe.

Umuvugizi w’urwego rw’Ubugenzacaha, Murangira Thierry, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko batangiye iperereza kugira ngo hamenyekane ababikoze bose bafatwe bahanwe. Abicishije mu butumwa bugufi yatwandikiye, yatubwiye ko hari amakuru badashobora gutangaza mu gihe hagikorwa iperereza. Yagize ati: ”Iyi “case”(iki kibazo) iracakorwako iperereza ,kugeza ubu ntaco twoyitangazako kuko vyobangamira iperereza.”

Naho mw’itangazo urwego rw’igipolisi c’u Rwanda rwashize kuri X, rivuga ko bafadikanije na RIB, abakekwaho ico caha bagera kuri 10 bamaze gufatwa bakaba bafungiye kuri sitasiyo ya Polisi ya Nyarugunga, abandi baba barafatanije nabo barimwo kuronderwa bashikirizwe ubutungane.

Ku bijanye n’icateye kuboreza igufa uwo munyeshuri ndetse n’ibihano bizohabwa, nta Muntu wabashije kugira ico adusigurira, kandi n’inzego zishinzwe amaperereza zirinze kugira ico zivuga.

Kugeza ubu, nk’uko twavyiboneye, uwakorewe ubwo bugizi bwa nabi, abasha guhaguruka akijana mu bwiherero, ico adashobora ni ukwicara kuko aho yicarira hababajwe cane.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:36 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG