Abantu 25 bapfuye inyuma y'uko ubwato bwarimwo abantu umurengera buzamye muri Republika ya demokrasi ya Kongo.
Iyo mpanuka yabaye kuri uyu wa kabiri ku ruzi Fimi, ruri mu gice co hagati mu gihugu. Abo bahasize ubuzima, harimwo abana, abandi batari bake irengero ryabo rikaba ritazwi.
Vyatangajwe n’abategetsi hamwe n’ababa mu gice iryo sanganya ryabereyemwo. Ubwato bwagize isanganya buvurwa ko bwari butwaye abantu barenga 100 inyuma y’uko buvuye mu gisagara ca Inongo, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Kongo, Kinshasa. Bwazamye butaragera kure y’aho bwari buvuye ku ruzi Fimi.
Igikorwa co kurondera abo irengero ritazwi cariko kiraba amasaha makeyi inyuma y’iryo sanganya.
Hari impungenge ko igitigiri c’abapfuye gishobora kuba kiri hejuru kurushiriza. Ubwato bwagize isanganya bwari bwuzuye ibicuruzwa, nk’uko vyatangajwe na Alex Mumba aba mu karere ryabereyemwo. Yamara yavuze ko bigoye gutanga igitigiri c’ukuri c’abahasize ubuzima, kubera ubwo bwato bwarimwo abantu benshi cane.
Forum