Uko wahagera

ONU Yasavye Ikiringo Mfatakibanza ca Politike muri Siriya


Geir Pedersen, intumwa ya ONU muri Siriya
Geir Pedersen, intumwa ya ONU muri Siriya

Urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rwasavye ko haba ikiringo mfatakibanza ca politike coha akaryo Abanyasiriya bose ko gutegekanya kazoza kabo mu mwidegemvyo na demokrasi, inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Bashar al-Assad.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, urwego rwa ONU rwavuze ko umugambi wa politike muri Siriya wotegerezwa kuba ufatiye ku ngingo y’urwo rwego yo mu mwaka w’i 2015, yasaba ibwirizwa shingiro rishasha n’amatora ahagarikiwe n’ishirahamwe ONU.

Uru rwego rwashimikiye kandi ku kamaro ko gutuma reta ya kiyislamu idasubira kwongereza inguvu n’ubushobozi bwayo muri Siriya.

Haheze imyaka 10 umurwi wa reta ya kiyislamu ufashe ibice bitari bike mu buseruko bwa Siriya. Urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi rusaba ko Siriya n’ibihugu bihana imbibe vyirinda ibikorwa ivyari vyo vyose vyoshobora guhungabanya umutekano.

Rwasavye cane cane Siriya na Israyeri kutageramira umutekano w’inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU zigenzura igice gitandukanya ivyo bihugu vyompi, mu karere k’imitumba miremire ka Golan.

Forum

XS
SM
MD
LG