Uko wahagera

Indwara Itari Izwi Yiyadukije muri Kongo Yamenyekanye


Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu muri Republika ya demokrasi ya Kongo bwatangaje ko indwara itari izwi yiyadukije muri ico gihugu ari malariya ikomeye cane.

Mu ntango z’uku kwezi, abategetsi bo mu ntara ya Kwango batangaje ko iyo ndwara yahitanye abantu 143 mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje kandi ko abantu 592 banduye iyo ndwara ni bo bamenyekanye kuva mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2020.

Abahitanwa n’iyo ndwara bari ku rugero rwa 6.2 kw’ijana. Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaje ko ritaramenya neza igitera iyo ndwara, ibipimo muri za laboratware bikaba bibandanya. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG