Iyo nkuru yatangajwe, kuri uyu wa kabiri, n'umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Ukraine, Oleksandr Syrsky.
Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Ukraine, Oleksander Syrsky, yavuze ko mu kiringo c’imisi 3 yikwirikiranya, umwansi wa Ukraine yakoze ibitero bikomeye mu ntara ya Kursk iri mu Burusiya, akoresheje inteko za Koreya ya ruguru.
Syrsky yavuze ko abacangero bo muri Koreya ya ruguru bamaze gutakaza abantu benshi cane. Yatangaje ko inteko za Ukraine ziriko zivyifatamwo neza ku rugamba kandi ko ziriko zica inteko z’umwansi n’ibikoresho vya gisirikare vyazo.
Abategetsi ba Ukraine, ejo ku musi wa mbere, batangaje ko inteko za Ukraine zishe caanke zakomerekeje abasirikare bo muri Koreya ya ruguru batari musi ya 30 mu ntara ya Kursk iri ku butaka bw’Uburusiya.
Hisunzwe amakuru y’iperereza atangwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, abasirikare bo muri Koreya ya ruguru bagera ku 10,000 bararungitswe mu Burusiya gufasha inteko z’ico gihugu mu rugamba zirimwo na Ukraine.
Ukraine yarigaruriye igice c’intara ya Kursk kuva mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka. (AFP)
Forum