Uko wahagera

Umujenerali Akomeye w'Uburusiya Yahitanywe na Bombe i Moscou


Igor Kirillov yahitanywe n'igisasu mu murwa mukuru Moscou rwagati
Igor Kirillov yahitanywe n'igisasu mu murwa mukuru Moscou rwagati

Ikibombe cahitanye ubuzima bw umusirikare w'intwazangabo akomeye w'umujenerali ku murwa mukuru w'Uburusiya, Moscou, uyu musi ku wa kabiri.

Abategetsi b’Uburusiya batangaje ko ikibombe caturitse kuri uyu wa kabiri, mw’ibarabara ryo ku murwa mukuru, Moscou, gihitana abantu babiri, harimwo umusirikare akomeye w’umujenerali, ayoboye inteko zijejwe ibirwanisho vya nikereyeri, ivyicisha imigera n’imyuka y’ubumara.

Ico kibombe caturitse igihe Liyetena Jenerali Igor Kirillov n’icegera ciwe bari bavuye mu nyubakwa iri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru w’Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya batangaje ko ico kibombe cari canyegejwe mw’ipikipiki yari ihageze hafi y’urwinjiriro ry’iyo nyubakwa. Amasanamu ya videwo y’aho ico kibombe caturirkiye yerekanye urwinjiriro ry’iyo nyubakwa rwasambutse, amadirisha yayo na yo yamenaguritse.

Ico gitero ca bombe kibaye umusi umwe inyuma y’uko abashikirizamanza ba Ukraine bagirije Igor Kirillov ko inteko arongoye zakoresheje ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara, mu myaka igera kuri itatu ingwano imaze muri Ukraine.

Mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka, Ubwongereza bwarafatiye ibihano Kirillov kubera yafashije mu gikorwa co gukoresha ibirwanisho vyicisha imyuka y’ubumara ku nteko za Ukraine. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG