Ibihugu cumi, n'umuryango w'ubumwe bwa Buraya bitewe amakenga n’uruhara rwa Koreya ya ruguru mu ntambara y'Uburusiya na Ukraine. Ivyo bihugu cumi n’ubumwe bwa Buraya vyashikirije ayo makenga biciye mw’itangazo vyandikiye hamwe, rikaba ryashizwe ahabona na Amerika.
Iryo tangazo ritera ivyatsi ryivuye inyuma “ugufashanya mu vya gisirikare kubandanya kwiyongera cane hagati y’Uburusiya na Koreya ya ruguru, hamwe n’irungikwa ry’ingabo zayo ku rubuga rw’intambara".
Muri iryo tangazo, ivyo bihugu bivuga ko ubufasha ku Burusiya mu “ Ntambara y’agasomborotso bwakoreye Ukraine, buzotuma intambara y’izo mpande zibiri itandukira izindi mpande z’isi, ingaruka zikomeye zikibonekeza I Buraya, zikongera zikabangamira umutekano w’akarere gahurikiyemwo ibihugu vyo mw’ibahari ya Pacifique n’Ubuhindi.”
Ibihugu vyateye igikumu kuri iryo tangazo ni Amerika, Austrariya, Canada, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutariyano, Ubuyapani, Ubwongereza, Koreya y’Epfo, New Zelande n’ubuyobozi bw’ubumuryango w’ubumwe bwa Buraya.
“Zimwe mu ngabo Koreya ya Ruguru yarungikiye Uburusiya ziri ku mupaka wa Kursk uri mu micungararo ya Ukraine. Prezida wa Ukraine uno munsi akaba yavuze ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru n’imiburiburi 30 baguye mu gutana mu mitwe kwabereye kuri uwo mupaka.
Izo mpande zisaba zishimitse Koreya ya ruguru guhagarika gufasha Uburusiya mu ntambara burimwo na Ukraine, no gutahukana vyihuse ingabo zabwo ziri muri urwo rugamba. Amerika na Koreya y’Epfo vyemeza ko Koreya ya ruguru yarungikiye Uburusiya ingabo zirenga 10,000. (AFP)