Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye, Ndayizeye na Ntibantunganya Bemeza ko Hari Vyinshi Bigihaze mu Ntwaro Ibereye mu Burundi


Prezida Ndayizeye, Ntibantunganya na Ndayishimiye
Prezida Ndayizeye, Ntibantunganya na Ndayishimiye

Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yiyamiriza abakozi ba Leta baja ku kazi bakirirwa "bicaye badakora", avuga ko babangamiye iterambere. Yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu kw'iterambere ry'igihugu na kazoza kaco. Muri ico kiganiro, yari kumwe n'abamubanjirije ku butegetsi, barimwo Domitien Ndayizeye na Slyvestre Ntibantunganya.

Muri ico kiganiro cabaye ku wa gatandatu, Prezida Ndayishimiye yavuze ko naho hari ibitanga umwizero, hakiri vyinshi vyo gukora kugira ngo Uburundi bushike ku mbonakazoza y’igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060. Prezida Evariste Ndayishimiye yagize ati:" gukora nari ndi ku kivi ariko abanyononera ku muvuduko turikumwe mu bikorwa".

Sylvestre Ntibantunganya, yatwaye igihugu mu myaka ya 1993 igihe hari hagandaguwe incungu ya Demokarasi Melchior Ndadaye mw’ihirikwa ry’ubutegetsi ryo kuwa 21 Gitugutu mu 1993, nawe nyene akongera agaterwa na kudeta, nawe arashima intambwe igihugu kigezeko. Avuga yamara ko hari akagihaze mu ntwaro ku nyungu za bose ari kanini cane.

Prezida Ntibantunganya na Ndayishimiye
Prezida Ntibantunganya na Ndayishimiye

Prezida Domisiyano Ndayizeye, yarongoye Uburundi mu gihe c’intwaro mfatakibanza mu myaka ya 2000 inyuma y’amasezerano y’i Arusha yo guhagarika intambara hagati ya reta y’Uburundi n’imigwi yayirwanya, nawe avuga ko atewe impungenge n’ivyo abona mu bantu bari hejuru y’abandi hamwe n’ibikorerwa aho abarundi bato basaba ijambo.

Afatiye ku nama iheruka guhuza Uburundi n’abadandaza barikumwe n’abanyamitahe bigenga hamwe n’abafasha mw’iterambere ry’igihugu kugira ngo bagire ico baterereye kw’ishirwa mu ngiro ry’imbonakazoza y’Uburundi, Prezida Domitien Ndayizeye yagize ati: " Abaramuka baje ngaha bazanye imitahe yabo, ntitugomba kubakirizanya nanje mpako, tugomba kubanza kubatunganiriza ku kibazo kibazanye. Ariko apana kuca tuvuga ngo bana umpe ruswa, kuko hari abaca basubira inyuma" Ivyo abihurizako n’uwurongoye Uburundi mwakino gihe Evariste Ndayishimiye. Mu mvugo n’agashavu, avuga ko amaze kubibona kenshi, yahisemwo kuvyifatira mu minwe.

Prezida Sylvestre Ntibantunganya muri ico kiyago ati akica urugo karuvamwo. Naho imbonakazoza ishoboka, Reta irafise abayisambura bakayinaniza. Ku bwiwe, ni ugukora ikibereye ku neza y’abarundi. Prezida Ndayizeye aha, ati amahoro ni wo mushinge wa vyose. Ni yo mpamvu uwo wese yoyahungabanya ari ukumurwaniriza hamwe. Nayo uwoba aciyumvira gutembagaza ubutegetsi agira ati mfise urubuye norumuhonda mu mutwe. Asaba indongozi n’abarundi guha agaciro igihugu n’umurundi.

Kuri iyo foto, hariko Prezida Domisiyano Ndayizeye, Sylvestre Ntibantunganye, Jerome Niyonzima yari aremesheje ikiganiro na Evariste Ndayishimiye atwara Uburundi
Kuri iyo foto, hariko Prezida Domisiyano Ndayizeye, Sylvestre Ntibantunganye, Jerome Niyonzima yari aremesheje ikiganiro na Evariste Ndayishimiye atwara Uburundi

Ikiganiro c'abahoze batwara Uburundi na prezida abutwara, catanguye igihe c’isaha zitatu z’agatondo ku wa gatandatu ku kirimba c’umukuru w’igihugu kiri i Kiriri mu gisagara ca Bujumura. Cari kiremeshejwe n’umunyamabanga mukuru wa reta Jérome Niyonzima. Camaze amasaha atatu n’iminota irenga mirongo ine nitanu.

Muri ico kiganiro nkuko vyashikirijwe n’uwurongoye Uburundi, ubutare n’irindi tunga kama Uburundi bufise, ni ryo shingiro y’intango y’Uburundi bwifashe mu 2040, buteye imbere mu 2060. Yavuze kandi ko gushika mu kwezi kwa gatandatu mu 2025 Uburundi buzoba bumaze gushora hanze amatoni atari make y’ubutare kugira ngo Uburundi buhaguruke mw’iterambere ry’imbonakazoza.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi.

Prezida Ndayishimiye, Ndayizeye na Ntibantunganya Bemeza ko Hari Vyinshi Bigihaze mu Ntwaro Ibereye n'Iterambere vy'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:17 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG