Uko wahagera

Abantu 175 Barishwe muri Sudani muri Ino Ndwi Gusa


Abantu batari musi ya 65 bishwe mu gisagara ca Omdurman
Abantu batari musi ya 65 bishwe mu gisagara ca Omdurman

Abantu 175 barishwe, abandi batari bake barakomereka mu bitero vy'indege z'ingwano bitari vyabaye ku murwa mukuru wa Sudani, Khatoum, kuri uyu wa mbere no kuri uyu wa kabiri.

Ivyo bitero vyegetswe ku nteko zishaka kwiyonkora kuri reta zizwi kw’izina rya Rapid Support Forces, RSF, mu mpfunyapfunyo. Izo nteko zimaze igihe zirwana n’igisirikare ca Reta ya Sudani mu ntambara imaze amezi 20.

Igitero ca mbere cabaye ku musi wa mbere w’iyi ndwi, igihe indege y’ingwano yaraasa ibisasi mw’isoko yarimwo abantu benshi mu gisagara citwa Kabkabiya, kiri ku bilometero 180 mu burengero bw’intara ya Darfur yo mu buraruko.

Ico gitero cahitanye abasivile batari musi y’ijana, harimwo abapfasoni n’abana.

Mu kindi gitero, igisasi carashwe kuri bisi itwara abantu, cishe abantu bose uko bari 22 bari muriyo. Ni mu gihe mu kindi gitero gitandukanye, abantu batari musi ya 65 bishwe mu gisagara ca Omdurman, kiri mu minwe y’igisirikare ca reta, nk’uko vyatangajwe na bulamatari w’umurwa mukuru, Khartoum, Ahmed Othman Hamza.

Yongeye avuga ko abandi ijana bakomeretse muri ico gitero. Ku musi wa kabiri urangiye, umwaka wari wuzuye neza igisirikare ca reta gitanguye gutana mu mitwe bikomeye n’inteko za RSF.

Forum

XS
SM
MD
LG