Sentare muri Mali yarekuye ivy'agateganyo abanyapolitike batavuga rumwe na reta 11, bari bamaze amezi atanu bapfunzwe. Bapfunzwe inyuma y'uko basavye ko ubutegetsi busubizwa mu minwe y’abasivile.
Mu barekuwe harimwo abahoze ari abashikiranganji n’abayobozi b’abanyapolitike bahagaritswe mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka, bagirizwa ko bariko bategura gutembagaza abategetsi bemewe n’amategeko mu gihugu.
Bagirizwa kandi ko bakoresheje inama itarekuriwe n’amategeko ku murwa mukuru wa Mali, Bamako. Irekurwa ryabo ryatangajwe kuri uyu wa kane. Abitegereza ibintu n’ibindi bavuga ko ari ingingo ihambaye, biheje ukugene abasirikare bayoboye igihugu batera bafatira ingingo zikomeye cane abatavuga rumwe na bo.
Abatavuga rumwe na reta bari bapfunzwe igihe bariko bagirisha inama ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, aho bari baregwa ko bari barenze ku ngingo yaziririza amakoraniro ya politike.
Mu kwezi kwa Gatatu kw’uyu mwaka bari bateye igikumu kw’itangazo ryanebagura abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali.
Iryo tangazo ryavuga ko bananiwe kwubahiriza ikiringo ntarengwa co gushikiriza ubutegetsi abasivile. Ryasaba kandi ko haba amatora y’umukuru w’igihugu mu buryo bwihuta bushoboka.
Forum