Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw'isi, Amnesty International, ryatangaje ko Israyeri iriko ikora ihonyabwoko mu ntara ya Gaza. Ishirahamwe Amnesty Internatitonal ryasohoye icegeranyo kuri uyu wa kane, aho ryatangaje ko Israyeri n’igisirikare cayo vyarenze ku masezerano ashigikiwe n’ishirahamwe ONU yo mu mwaka w’i 1948, yerekeye ivyaha vy’ihonyabwoko.
Ico cegeranyo c’impapuro zigera ku 300, cavuye mu matohoza yakozwe mu kiringo c’amezi 9 kuva inyuma y’ibitero umurwi Hamas wakoze kuri Israyeri kw’italiki indwi y’ukwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023. Ishirahamwe Amnesty International ryavuze ko ryasanze Israyeri yararenze ku masezerano yo mu mwaka w’i 1948 amajambo y’ihonyabwoko atari make hamwe n’ay’ityoza ry’agateka ka zina muntu yatangajwe n’abategetsi ba Israyeri.
Ico cegeranyo cafatiye kandi ku makuru Amnesty International ryegeranije aturutse mu ntara ya Gaza. Icegeranyo c’ishirahamwe Amnesty International cerekana ko ibitero vy’indege z’ingwano za Israyeri vyabaye incuro 15 hagati y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2023 gushika mu kwezi kwa kane muri uyu mwaka wa 2024 vyahitanye abasivile 334, harimwo abana 141. Amnesty International ikavuga ko ata vyemezo bihari ko ivyo bitero vyari bigenewe ibibanza vya gisirikare.
Ishirahamwe Amnesty International ryavuze ko ivyo Israyeri yakoze, harimwo amategeko yasaba Abanyapalestina kuva ikivunga mu bice barimwo, vyatumye igice kinini c’abanyagihugu bose uko ari imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana atatu bava mu vyabo muri Gaza. Vyarageramiye kandi ibikorwa vyo gutanga imfashanyo. Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko ivyo vyose vyakozwe n’impaka mu ntumbero yo guhonya Abanyapalestina biciye mu kubica buhoro buhoro.
Agnes Gallamard, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe, Amnesty International, yatangaje ko ivyo ryatohoje biri mu cegerenyo cayo bikwiye gukebura amakungu akabona ko ibiriko biba mu ntara ya Gaza ari ihonyabwowko. Yamara, Israyeri yatangaje ko icegeranyo gishasha cya Amnesty International gifatiye ku binyoma vyambaye ubusa. Yavuze ko iri shirahamwe riteye isoni kandi ritwarira hejuru.
Forum