Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi muri Siriya Bigaruriye Ikindi Gisagara Kinini


Abarwanya ubutegetsi muri Siriya bafashe igisagara kinini kigira kabiri mu gihugu. Igisirikare ca Siriya catangaje ko cakuye inteko zaco mu gisagara ca Hama kiri hagati mu gihugu. Hari inyuma y’ingwano ikomeye hagati yazo n’abarwanya ubutegetsi.

Ico gisirikare casohoye itangazo, kuri uyu wa kane, rivuga ko cakuye inteko zaco mu gisagara ca Hama kugira gikingire abanyagihugu bakibamwo. Abarwanya ubutegetsi muri Siriya, mu girondo co kuri uyu wa kane, bavuze ko binjiye mu gisagara ca Hama, barigarurira ibohero ryaho, bongera bararekura abari bahapfungiwe.

Ifatwa ry’igisagara ca Hama, ribaye imisi mikeyi inyuma y’uko abarwanya ubutegetsi bigaruriye igisagara gikomeye cane ca Aleppo, kiri mu buraruko bwa Siriya. Ni co gitero gikomeye cane bari bakoze muri ico gisagara kuva mu mwaka w’i 2016, igihe inteko za reta zishigikiwe n’abarwanyi bashigikiwe na Irani n’igisirikare kirwanira mu kirere c’Uburusiya zatujije abarwanya ubutegetsi mu bice biri mu buseruko bw’ico gisagara.

Hari igihe ingwano yari ikomeye cane muri Siriya. Igisagara ca Hama, kiri hafi y’ibilometero 200 mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Siriya, Damas. Kiri hagati y’igisagara ca Aleppo n’umurwa mukuru Damas. Ni muri ico gisagara, mu mwaka w’i 1982, umugumuko w’abayislamu barondera gutembagaza prezida w’ico gihe, Hafez al-Assad wabereye. Uwo yari ise wa prezida uriho ubu Bashar al-Assad. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG