Uko wahagera

Biden Yemereye Afrika Umuliyaridi w’Amadolari yo Gufasha Ibihugu Bihanganye n’Uruzuba


Prezida Joe Biden n'abandi bakuru b’ibihugu barimo Joao Lourenco wa Angola, Felix Tshisekedi wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Hakainde Hichilema wa Zambiya, na visi prezida wa Tanzaniya Philip Isdor Mpango.
Prezida Joe Biden n'abandi bakuru b’ibihugu barimo Joao Lourenco wa Angola, Felix Tshisekedi wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Hakainde Hichilema wa Zambiya, na visi prezida wa Tanzaniya Philip Isdor Mpango.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, yararangije, kuri uyu wa gatatu, urugendo rwiwe rw'imisi itatu yarimwo mu gihugu ca Angola.

Imbere yo kurangiza urugendo rwiwe yatangaje amafaranga arenga umuliyaridi w’amadolari agenewe gufasha ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika bihanganye n’ingaruka z’uruzuba.

Iyo mfashanyo izohabwa ibihugu 31 vyo ku mugabane wa Afrika bisinzikajwe kurusha ibindi n’ingaruka z’uruzuba.

Imbere yaho, yagiranye inama n’abakuru b’ibihugu barimo Joao Lourenco wa Angola, Felix Tshisekedi wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Hakainde Hichilema wa Zambiya, na visi prezida wa Tanzaniya Philip Isdor Mpango.

Iyo nama yari igenewe kuganira imigambi igenewe guhindura uburyo bwo gushikana ku kivuko ca Lobito, muri Angola, ubutare bufise akamaro gakomeye buturutse cane muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Bitegekanijwe ko inzira ya gali ya moshi y’ibilometero 1,300 yatungajwe harimwo imfashanyo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igabanya umwanya ubwo butare buzofata kugira bushike ku kivuko c’igisagara ca Lobito. Vyahora bifata imisi 40 bucishijwe mw’ibarabara.

Yamara muri iki gihe bizofata amasaha 40 gusa hakoreshejwe gali ya moshi.

Prezida wa Zambiya, Hakainde Hichilema yatangaje ko uwo muhora ufise akamaro gakomeye cane mu ntumbero yo kwugurura amasoko y’ibihugu vyo mu karere, no ku mugabane wa Afrika muzima.

Yavuze ko umugambi werekeye iyo nzira ya gali ya moshi ari akaryo gakomeye cane ku vyerekeye imitahe n’ubudandaji.

Yamara mu gihe Prezida wa Amerika, Joe Biden ariko yiteguyrira kurangiza amabanga yiwe yo kuyobora Amerika mu kwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura w’i 2025, haracari ibibazo ku kwiyemeza kwa Amerika ku vyerekeye gushigikira imigambi nk’umuhora wa gali ya moshi wa Lobito, mu kiringo kirekire kiri imbere.

Forum

XS
SM
MD
LG