Namibiya yatoye umuprezida wa mbere w'umupfasoni, Netumbo Nandi-Ndaitwah. Yari icegera c'umukuru w'igihugu, akaba yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi, SWAPO.
Intsinzi ya Netumbo nandi-Ndaitwah, afise imyaka 72, izokwongereza ikiringo c’umugambwe SWAPO umaze imyaka 34 uri ku butegetsi muri Namibiya, kuva ico gihugu cikukiye mu mwaka w’i 1990.
Yaronse ibice 57 kw’ijana vy’amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu, hisunzwe ibiharuro vyatanzwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora.
Yari akeneye kuronka ibirenga ibice 50 kw’ijana vy’amajwi kugira atahire intsinzi. Panduleni Itula, wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta, Independent Patriots for Change, IPC, mu mpfunyapfunyo, yaje mu kibanza ca kabiri n’ibice 26 kw’ijana vy’amajwi.
Netumbo Nandi-Ndaitwah, inyuma y’uko atangajwe ko ari Prezida yavuye mu matora, yavuze ko Abanyanamibiya bahisemwo inzira y’amahoro n’umutekano.
Yinjiye muri SWAPO mu myaka y’i 1960, igihe wari ukiri umuhari waharanira ukwikukira kwa Namibiya. Yashinzwe amabanga akomeye atari make muri reta, harimwo kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire.
Umugambwe IPC watangaje ko uzoshingisha urubanza muri sentare kubera watangaje ko amatora yabayemwo amahinyu akomeye.
Abitegereza ibintu n’ibindi muri politike, batangaje ko intsinzi y’umugambwe uri ku butegetsi SWAPO itari itomoye kubera abanyagihugu batera batanezerezwa n’urugero ruri hejuru rw’ubushomeri n’ubusumbane bw’amikoro mu banyagihugu.
Yamara umugambwe SWAPO, wagumye ushigikiwe cane mu bice vyo hagati mu gihugu no mu bageze mu za bukuru kubera urugamba warwanye rwo guhabuza igihugu.
Forum