Uko wahagera

Abarwanyi ba ADF Bishe Abantu 9 mu Buseruko bwa Kongo


Mu kwezi kwa Gatandatu abarwanyi ba ADF bishe abaturage benshi ku mutumba wa Masala muri Beni mu buseruko bwa Kongo
Mu kwezi kwa Gatandatu abarwanyi ba ADF bishe abaturage benshi ku mutumba wa Masala muri Beni mu buseruko bwa Kongo

Inyeshamba zirwanya ubutegetsi muri Uganda zo mu murwi Allied Democratic Forces, ADF mu mpfunyapfunyo, zikorana n’intagondwa za kiyislamu zishe abantu icenda, banyuruza abandi 3, mu buserukeo bwa Republika ya demokrasi ya Kongo.

Mu bishwe harimwo uruhinja rw’amezi 8 n’umwana w’umukobwa w’imyaka 14, nk’uko vyatangajwe kuri uyu wa gatatu n’abategetsi ba Kongo.

Abarwanyi b’umurwi ADF bakoze ibitero mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri ku basivile mu mihana y’ahitwa Tenambo, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Koloneli Mak Hazukay, yasavye abanyagihugu kwama barikanuye. Abo barwanyi ba ADF, baraturiye kandi inzu muri iyo mihana, bongera banyuruza abantu 3.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaragirije umurwi ADF ko wishe abantu amajana n’amajana, unyuruza abandi barengeye abo, harimwo igitigiri kinini c’abana.

Mu cegeranyo casohotse mu kwezi kurangiye, ishirahamwe ONU ryarashize umurwi ADF ku rutonde rw’imirwi yitwaje ibirwanisho ihonyanga bikomeye agateka ka muntu.

Forum

XS
SM
MD
LG