Uko wahagera

Biden Yashimagije Imigenderanire Hagati y'Amerika na Angola


Prezida Joe Biden na mugenzi we Joao Lourenco, wa Angola
Prezida Joe Biden na mugenzi we Joao Lourenco, wa Angola

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa kabiri, yashimagije imigenderanire hagati ya Reta yiwe n'igihugu ca Angola, harimwo umugambi wo kunagura inzira ya gali ya moshi ihuza ibihugu vya Angola, Republika y Demokrasis ya Kongo na Zambiya.

Biden ari mu rugendo rw'imisi 3, yabitangaje igihe yabonana na Prezida wa Angola, Joao Lourenco, ku murwa mukuru wa Angola, Luanda.

Abo bategetsi bompi baganiye ivyerekeye ubudandaji n’imitahe vyotuma amashirahamwe y’ibihugu vyompi ahiganwa neza kandi akingira inyungu z’abakozi.

Umugambi ukomeye Reta ya Biden iriko ishimikirako werekeye kunagura inzira ya gali ya moshi mu ntumbero yo kwihutisha igikorwa co kurungika ubutare bufise akamaro gakomeye cane mu bijanye n’ubuhinga bwa none, buvanywe muri Republika ya demokrasi ya Kongo, bugana ikivuko co mu gisagara ca Lobito co muri Angola, kiri ku nkengera z’ibahari Atlantike.

Ibiganiro hagati y'intumwa za Leta zunze ubumwe z'Amerika n'iz'Angola
Ibiganiro hagati y'intumwa za Leta zunze ubumwe z'Amerika n'iz'Angola

Uwo mugambi wo kunagura inzira ya gali ya moshi ni akigoro ka Amerika ko guhangana n’igihagararo n’inguvu z’Ubushinwa bitera vyiyongera ku mugabane wa Afrika.

Reta ya Amerika yemeye gutanga amafaranga arenga imiliyaridi 3 y’amadolari agenewe imigambi ijanye n’inyubako muri Angola. Ayo mafaranga azokoresha mu gushigikira umuhora wiswe Lobito Trans-Afrika Corridor, ugenewe gufasha kwihutisha iterambere mu butunzi no guhuza amasoko yo muri uwo muhora n’amakungu.

Prezida wa Amerika, Joe Biden, ntiyacishije mu kanwa Ubushinwa mu vyo yabwiye abamenyeshamakuru mu ntango y’inama na Prezida wa Angola, Joao Lourenco.

Ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri, Prezida Biden yagendeye inyubakwa yibutsa abagiye kugirwa abashumba mu bihugu vyo mu burengero bw’isi. Amerika yatanze ibihumbi 229,000 vy’amadolari agenewe gusanura iyo nyubakwa.

Bitegekanijwe ko Prezida Biden aja mu gisagara ca Lobito, kuri uyu wa gatatu, aho azobonanira na Prezida Lourenco hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Kongo, Tanzaniya na Zambiya.

Forum

XS
SM
MD
LG