Uko wahagera

Muri Gana Bariko Baritegurira Amatora y'Umukuru w'Igihugu


Abayoboke b'umugambwe NDC mu myiyerekano
Abayoboke b'umugambwe NDC mu myiyerekano

Abanyagana bariko baritegurira amatora y'umukuru w'igihugu azoba kw'italiki 7 y'uku kwezi kw'icumi na kabiri.

Abanyagihugu bujuje imyaka yo gutora baturuka mu ntara zose uko ari 16 zigize Gana, bariyandikishije kugira batore, bahitamwo umukuru w’igihugu n’abashingamateka 276 mu bibanza vy’amatora 40.976.

Ayo matora azoba abaye mu gihe abanyagana bahanzwe n’ibibazo vy’ubuzima butera buzimba kurushiriza, bivuye ku biciriro vy’ibintu vya ngombwa vyiyongeye bikomeye cane, n’ubutunzi bw’igihugu butifashe neza.

Ibibazo biraje ishinga cane abatora birimwo imigambi yo kugwiza ubuzi, ikibazo cerekeye igisata c’indero n’amagara y’abantu, hamwe n’imigambi yo guteza imbere ivyerekeye inyubako.

Bitegekanijwe ko abiyandikishije kugira batore muri rusangi 18.774.159, barimwo 459.291 bazoba batoye ubwa mbere. Ku Banyagana batari bake, amatora yo ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi ni igipimo ku cizere abanyagihugu bafitiye abayobozi babo.

Forum

XS
SM
MD
LG