Uko wahagera

Umurwi w'Urunani Ubandanya Kwongereza Amahirwe yo Kuja muri BAL 2025


Bamwe mu bakunzi b'Urunani
Bamwe mu bakunzi b'Urunani

Umugwi w’Urunani uri mu nkino za ELITE 16 warangije inkino z’amatsinda uri mu kibanza ca mbere. Urunani rwakatishije itike yo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, uramutse utsinze kuri uno wa mbere uzoba uronse uburenganzira bwo kwitabira inkino za BAL z’uno mwaka.

Abakunzi b’uwo mugwi wo mu Burundi, bavuye mu mihingo itandukanye y’isi barishimiye Intsinzi y’umugwi wabo bakaba bizeye ko uzoshika mu nkino za BAL. Kenedy Munyankindi yakiniye uwo mugwi yaje kuwushigikira ava mu gihugu ca Suède, amenyesha ko kugira umumenyereza w’umunyamwuga vyabafashije cane kubona intsinzi. Uno mukunzi wa Dynamo, umugwi ukebana n’Urunani, akeza uwo mugwi akawipfuriza kugera aho batageze.

Ni inkino zitoroheye Urunani ariko gwitwara kigabo rurangiza rudatsinzwe nkuko Elvis Hakizimana, icegera c’umumenyereza w’Urunani yabibwiye Ijwi ry’Amerika. Avuga ko izo nkino zabasigiye icirwa gikomeye. N’abakinyi barishimira igikorwa bakoze. Kavakure Bryan akinira uwo murwi amenyesha ko biteguye n’umutima uri hamwe urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana

Umurwi w'Urunani Ubandanya Kwongereza Amahirwe yo Kuja muri BAL 2025
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:10 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG