Ubuzima buzimvye mu Burundi burabangamiye abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi. Bamwe mu bigisha bo muri kaminuza bavuga ko bafise ikibazo gikomeye kuko bigisha abana bashonje. Abanyeshure basaba Reta ko yogarukana uburaro kuri bose.
Bamwe mu banyeshure bo muri kaminuza y‘Uburundi bakose amazu ku mutumba wa Kavumu wo muri zone Muyira ya komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura, bavuganye n’isoko ryacu, bavuga ko agafashanyo_ngurane k’amafaranga baronswa, katagishoboye kubabeshaho, kubera izimba ry’ibifungurwa ku masoko hamwe n’uburaro.
Abo banyeshure bavuga ko bagerageza kwiyungunganya kugira bashobore kuronka ivyo bafungura. Bamwe bavuga ko basahirizwa n’ivyo mundimiro barungikirwa n’abavyeyi babo, abandi bagakora akazi ko kurarira igihe c’ijoro. Ernest Manirakoze ni umwe muri bo, ari mu mwaka wa kane avuga ko yatanguye kwiyungunganya ageze mu mwaka wa kabiri.
Bamwe mu bigisha bemeza ko ubuzima abanyeshure babayemwo bufise ingaruka mbi kuko butuma hari abanyeshure bari mw’ishure badashobora gukwirikirana ivyirwa neza. Joseph Ndayisaba, umwigisha muri kaminuza, akaba n’umuhinga mu bijanye n’inyigisho avuga ko ugusinzira kw’abanyeshure igihe c’ivyirwa bitanguye kuboneka inyuma y’aho reta ishinze itegeko nomero 100/18, itariki 1 y’ukwezi kwa 2; umwaka wa 2017, ritunganya gushasha ibijanye n’agafashanyo gahabwa abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi.
Ico gihe ubushikiranganji bw’indero hamwe n’ubushikiranji bw’ikigega ca reta bwaciye busohora itegeko mu mwaka wa 2018, rivuga ko hagiye gutangwa agafashanyo ngurane k’amafaranga 60 000 kira kwezi ku munyeshure agitangura kaminuza, kugira yimenye uburaro no gufungura.
Ariko muri kino gihe Claver Nijimbere arongoye igisata c’ubuyobozi bukuru bujejwe ubuhinga n’ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’indero, avuga ko ako gafashanyo gaherutse kwongerwa gushika ku mafaranga 100 000, kubera ubzima buzimvye. Nubwo ako gafashanyo ngurane kongewe, uyu munyeshure wewe abona ko atacahindutse, akanasaba reta kugarukana uburaro.
Umwigisha Joseph ndayisaba abona ko reta yoshiramwo inguvu mu gukemura ikibazo co gufungura ku banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, mu gukorana n’abikorera ivyabo. Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta yandikiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, yarerekanye ko ibiciro vy’ivya nkenerwa vyaduze bidasanze ku masoko.
Hafi igice c’ibidandazwa n’ivyankenerwa bishika kuri 34, biri muri iryo tangazo, ibiciro vyigwijeko kabiri n’akarenga kuva mu kwezi kwa kane kw’uyu mwaka gushika muri uku kwezi kwa 11.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi.
Forum