Uko wahagera

Uburundi Buhakana Ibivugwa na Red Tabara ku Gitero " Yagavye Ku Basirikare Babwo muri Kongo"


Zimwe mu ngabo z'Uburundi ziri muri Kongo.
Zimwe mu ngabo z'Uburundi ziri muri Kongo.

Umurwi RED Tabara urwanya ubutegetsi bwo mu Burundi wemeza ko n’imiburiburi abasirikare 9 b’Uburundi baguye mu gitero wagavye mu bucagucagu bw’ejo ku wa mbere, ku kirindiro c’ingabo z’ico gihugu kiri ahitwa Rubwebwe Tawundi muri segiteri ya Mwenga I Magunda mu ntara ya Kivu y’epfo muri Kongo.

Itangazo umurwi Red Tabara washize ku mbuga ngurukanabumenyi zawo, rivuga ko mu baguye muri ico gitero, harimwo umusirikare mukuru afise ipete rya koloneli yatwara ico kirindiro, n’icegera ciwe. Red Tabara ntitangaje amazina y’abo basirikare.

Umurwi Red Tabara ubandanya kuvuga ko watwaye kandi “ibikoresho vyinshi vy’ingabo z’Uburundi, birimwo ibirwanisho, ivyuma bakoresha mu guhanahana amakuru, impapuro zirimwo amakuru y’ibanga yega igisirikare c’Uburundi n’ibindi.”

Igisirikare c’Uburundi kibicishije mw’itangazo casohoye, ciyamirije ibiri mw’itangazo rya Red Tabara, kivuga ko ari ibinyoma vyigendera. Itangazo ry’Uburundi rigira riti: “Igisirikare c’Uburundi kimenyesha ko itangazo rya Red Tabara ryuzuye ibinyoma. Igihe cose uwo murwi utakaje abarwanyi benshi ku rubuga, umuvugizi wawo yama aca yihutira gusohora amatangazo nk’ayo. Ntihagire n’umwe aha agaciro ibiri mw’itangazo ry’ububeshi. Vuba, tuzobereka abarwanyi ba Red Tabara twafashe, n’abandi bishikanye mu minwe yacu bari ku rubuga.”

Ijwi ry’Amerika ryarondeye izo impande zibiri kugira rironke umuco urenze ku biri mu matangazo magufi zasohoye. Yamara kugera ino nkuru isohoke, nta ruhande na rumwe ryaronse.

Red Tabara ntiyitavye amaterefone yacu, igisirikare c’Uburundi naco biciye mu kiyago kigufi umuvugizi waco Jenerari de Brigade Gaspard Baratuza yagiranye n’umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika yari yamurondeye asaba ikiganiro co mw'ijwi, yavuze ko batipfuza kugira ico bavuga kubera vyohava “Bituma ibikorwa barimwo bitakaza inguvu, kandi batotanga ikiganiro co mu majwi na Red Tabara ataco yatanze”.

Muri ubwo butumwa bugufi, Ijwi ry’Amerika ryabajije Jenerari de Brigade Gaspard Baratuza niba hari abarwanyi ba Red Tabara baguye muri uko gutana mu mitwe, aca yishura ati: “Ntibobura, ni co gituma twanditse yuko iyo batakaje vyinshi (No kubura abarwanyi bidasigaye inyuma) bama baca basimbira ku nyandiko, babesha ko bishe abandi bakanafata ibikoresho vyabo, ariko bobo ntibigera bavuga ku ruhande rwabo kuko biba biteye ubwoba”.

Inyuma y’ubwo butumwa umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika yabandanije arabaza Baratuza ati: “Ni bangahe bahaguye ku ruhande rwa Red Tabara? Nawe aca asubiza agira ati: “Twebwe turi abanyamwuga beza, ntitujejwe kubika abaguye ku rugamba naho tuba twababonye. Abafashwe tuzoberekana vuba”

Forum

XS
SM
MD
LG